KUBERA IKI TUGOMBA KWUBAKA IVYIYUMVIRO VYIZA KU BUZIMA BWACU
Ubutumwa bwa 08.08.2015
Mu vyiyumviro vyawe niho uremera Imana yawe cyangwa ukayica. Iyo umaze kwica Imana mu vyiyumviro vyawe no mu buzima bwawe birafa.
Imana yakirwa numutima wizera atari ubwenge butahura. Tugomba kurinda ubwenge n´ umutima kugirango dukomere. Ugukomera kwacu guhera mu vyiyumviro. Ivyiyumviro bituma ugira kwizera. Iyo vyuzuye Imana nibindi vyose bigenda neza.
Umuntu ari centre d´interet y´ abantu babiri. Imana na Satani. Kugira icyakurinda kugirango Satani ntakurondere. Uguhitamo n´ukwawe. Wibaze uti
Mbega niconnecta hehe? Ku Mana cyangwa ku bumuntu.
Wige guhakanira Satani no kwemera Imana. Aha niho hubakiye ubukristo bwose. Uko bigenda kose ndahakanira satani. Ibi bisaba kuba ufite ubwenge bukomeye kuburyo ukorana n´Imana ukiyumvira Imana.
Kenshi tugomba ko vyose vyihuta kandi hari ingorane zidasimbanwa ariko iyo wiringiye Yesu ukamwiringira ukarindira vyose bigenda neza. Imana yakuremye uko igushaka kandi igufitiye imigambi myiza ku giti cyawe.
Tumaze kunanirwa kwihangana hari ivyo tutageraho. Gukizwa n´ ukumva ko hari ikigomba guhinduka mu buzima bwanjye. Ubwenge burimo Imana nibwo tugomba kugira tubashe gutahura Imana. Mpwemu Yera twahawe niwe utuma tubasha gutahura Imana.
Impamvu tugomba kugira ubwenge.
Kenshi twibaza ko ivyiyumviro vyawe ari ukuri. Ukuri ni kumwe gusa n´ Ijambo ry´Imana. Ni vyiza ko iyo wiyumvira ivyiyumviro bishingikirwa n´Imana. Urugendo rwo kugenda mwijuru ni kugiti cy´umuntu.
- Luka 5: 4-8, Ivyak. 16:25-29, 1 Petero 4:12-13, 16
Niba Pawulo yavuze ko ikigeragezo kiriho n´uko kiriho. Dukoresha umwanya wose twiyumnvira ingorane kurusha kwiyumnvira Imana. Ivyo bintu nibikabatangaze kuko ni vyiza ko ufata númwanya wo kwiyiyumnvira ibigenda neza. Iyo wiyumnvira Imana mu bibazo vyawe iraza ikagukira inzira.
Iyo utumbereye Imana ukayambaza ukayibwira ko ishoboye ko uyizeye vyose biragenda neza. Iyo uhamagaye Imana wamaze kwica uba uhamagaye ikiziga cy´Imana. Kuko n´Imana ikomeye, igira neza yo kwizigirwa igendagenda, kandi ikora.
Hari abantu babiri bari mu bihe bitandukanye. Petero yariko araroba ijoro ryose vyanze. Yesu araza amubwira guterera urusenga ariko ntubwo Petero yari yambanje kushidikanya yaje kwemera kandi yaje kuronka. Hari ibohero satani ashira mu bakristo yo gukoresha burambe (experience). Ugomba kubanza kuba uwidengevya mbere yuko ugendera mu mbaraga z´Imana. Kugirango Imana igire ikibanza mu buzima bwawe ugomba kubanza gusesa ibindi vyose bituruka kwa satani. Twankire satani kugirango twidegevye. Tureke ubgoba. Ntabwo twahawe mpwemu w´ubgoba. Turahagara kandi turanesha iyo twingize Imana ngo idutabare ntiturebe ingorane duhura nezo. Turakomeye kandi ibi bituma ingorane zidutinya.
Pawulo yari mw´ibohero ariko ntabwo muri Mpwemu yari abohowe niyo mpamnvu yakomeje gusemerera. Yamenye ikibanza kiwe mu Mana yanga ibohero rye.
Lazaro: Igihe yari mu mva Yesu amusangayo ntabwo Yesu yinjiye mu mva yarahamaye. Ibi bitwereka ubushobozi bwoguhitamo. Lazaro yari afite responsabilite yo kuvayo kuko Yesu yari yahamagawe.
Ububasha twahawe butuma habaho kurema ibitariho nk´ ibiriho. Hakenewe ko tumenya ivyo Imana yaduhaye kugirango tubikoreshe.
Ibintu bine vyadufasha guhakanira satani.
- Kugira icyifuzo cy´uko ibintu bigomba guhinduka maze ukuzuzwa ubushobozi bw´Imana.
- Kugira ubusabane n´ Imana hamwe n´abandi bizera Kristo.
- Ntiwemere ko Mpwemu ari muri wewe afungwa.
- Ugomba kuba active n´Imana nibwo uziyumnvira Imana ukavugana nayo ukarushaho kuyimenya.
Kenshi turagomba ko Imana idukorera ariko igihe kirageze ko tugira icyo dukorera Imana. Igihe kirageze ko ngomba kubwira Imana egome tugahakanira satani. Wibutse ko ivyufise birema ivyudafise kandi ko mu bwenge bwawe niho wicira Imana cyangwa ukayirema.