Ubutumwa bwo ku wa 25/07/2015
Kugira(kuzigama) ijambo ryavuzwe n’Imana mu mutima
Ijambo ryose riva ku Mana riba umugisha ukomeye kuryakiriye akarikora, akarishitsa. Ijambo ryavuzwe n’Imana niryo ritubohora, kuko ritumenyesha ukuri, rikatweza. Ukwo kuri kukaduha kwidegemvya. Niryo ridutahuza ububi dufise buturimwo, Mpwemu Yera akadushoboza kubivamwo, ukagira ukwezwa no gutahura ivyo Imana igomba ku bana bayo ndetse no kubishitsa, mukwumvira ico Imana ivuze.
Kuko niryo ridukuramwo ivy’impwemu z’umwami w’iy’isi, rikaduha umunezero kuko Mpwemu Yera abana natwe. Ijambo ry’Imana niryo rigushitsako amasezerano yawe yose. Yosuwa 1: 5-9, Yosuwa yashitse kumasezerano yiwe yoose nkuko Imana yabivuze kuko yazigamye ijambo ry’Imana muri we, akarigendera akarikora. Niryo ryamukomeza kandi niryo ryamurongora muvyo akora vyose, bigatuma yirinda ibibi vyose, Imana nayo ikabana nawe. Yarongogwa nico yavuganye n’Imana nivyo umuvugishwa n’Imana Mose yasize amubwiye, igikogwa c’Imana kiraheza kiragenda neza muri vyose.
Yosuwa na Kalebe ntakindi catumye bashika i Kanani ataruko babitse mumutima wabo ic’Imana yavuze, kwizobana nab’Isirayeli, kandi ikabaha igihugu yabasezeraniye. Yohana 15:7 Umuntu agumije amajambo y’Imana muri we, bituma aguma mu Mana kandi amasengesho yiwe nayo akumvigwa. Ivyak. N’Intumwa 20: 31-35 Niryo rituma duhabwa umugisha n’Imana, tukaronkera hamwe ibiragwa n’abejejwe. Rikatwibutsa nivyo dukwiriye gukora.
1Abami 17: 8-16, 2 Abami 4 : 1-7 Umupfakazi w’umushunemukazi naho yarasigaje agafu n’utuvuta twanyuma, vyatumye yumvira umuvugishwa n’Imana Eliya amusavye utwo kurya kuko yari yaratahuye ijambo ry’Imana, ndetse aranaryumvira. Bituma atigera agira inzara nabo atunze booose murugo gwiwe igihe c’inzara cose. Kandi Eliya n’uwo mupfakazi ntakindi catumye Imana ibarinda inzara ataruko bayubaha bakagenda barongogwa n’ijambo ryayo.
Ijambo ry’Imana ryaje kuduhingura ngo tugire umutima nk’uwari muri Kristo Yesu. Ritugwishiriza imvura abandi bayibuze. Rimanura agafu ko mw’ijuru n’amavuta yo mw’ijuru bidashira. Mariko 12: 24 Birakwiriye cane ko tumenya ivyanditswe, vyahumetswe n’Imana kuko arivyo bituzanira ubugingo budashira, kandi tukanyaga iminyago yacu satani, rikaduhezagira muri vyose kuko rituma tuguma mu Mana nayo ikaguma muri twebwe. Amen