Kurondera Imana n’umutima ukunze. 18.07.2015

Ubutumwa bwo ku wa 18/07/2015

Kurondera Imana n’umutima ukunze.

Iyo umuntu arondeye Imana n’umutima ukunze urabona ubwiza bwayo. Kandi Imana yatoranije ubwoko bwayo kugirango igende irihesherezamwo icubahiro kandi na Yesu Kristo yaje yerekana ubushobozi bw’Imana Data wa twese , n’ukugira neza kwayo mu bamurondera bose. Mariko 5 : 21-43. Uwo mukuru w’isinagogi yaje kurondera Umwami Yesu Kristo, amwitembagaza imbere n’umutima ukunze kand’ugomba ko amukiriza umwana. Ijambo ry’Imana riratubwira ingene umugore yarasinzikajwe n’umugende w’amaraso umaze imyaka 12, kandi ntiyari yemerewe kuja aho abantu bari. Ariko kuko yari yizeye Umwami Yesu kuko yari yumvise ivyiwe, yibwira mumutima wiwe ati niyo nokora kubuyonga bw’impuzu ziwe gusa. Amaze kubikora yumva uwo mwanya nyene arakize, kandi Umwami Yesu Kristo nawe yumva ubushobozi bumuvuyemwo, abaza umukozeko, wa mugore aca amupfukamira, amwiganira vyose. Nawe aramubwira ati genda kubwokwizera kwawe ukire gose icago cawe. Kuko yari yizeye, akabikora n’umutima ukunze, yabonye ubwiza bw’Imana bumutabara ubugwayi bwimyaka myinshi 12. Uwo mwanya haca hashika abaje kubikira wa mukuru w’isinagogi, bamubuza kugora Yesu Kristo, kuko umwana yari yapfuye, ariko we aramubwira ati ntutinye wizere gusa, bashitseyo basanga abakoma induru, Yesu yinjirana nintumwa ziwe 3 na se na nyina bumwana ahari ikiziga, aca aramubwira ati gakobwa vyuka, aravyuka aragenda , amuha abavyeyi biwe. Kuko wa mukuru w’isinagogi yizeye, ntarandugwe n’umutima nimbiko yumvise, akizera kuwo bari kumwe ashobora no kuzura uwapfuye, nico gituma atakekeranije canke ngo yidoge canke yitse umutima, biraheza bimubera uko yavyizeye, umwana wiwe arazuka. Iyo ufise kurondera Imana muri wewe haba harimwo kwemera. Kandi nikwo gutuma uhishurigwa cane ubwiza bw’Imana, n’ubushobozi bwayo. Ikiri mu muntu nico gituma bimera neza canke bimera nabi. Mariko 8: 22-26 ; Mariko 7: 31-37, Yesu Kristo mugukiza impumyi, ibipfamatwi n’ibirangi. Yabakura mw’ishengero canke mu mihana akababwira ati ntibasubire aho ariko baje iwabo muhira, kugirango ntibandure kandi ahubwo baje kumusenga no kumuhesha icubahiro. 2Ngoma 20 : 1-30 Umwami Yewoshafati amaze kwumva ko bagiye gutera igihugu ciwe , yiyeguriye gusenga n’Abisirayeli bose n’ab’Iyerusalemu, basenga bisonzesheje , ndeste n’ibitunga no ntibabiha ico binywa. Binginga Uhoraho ngo abatabare, Imana yo mw’ijuru ntibatevye kubona ukugira neza kwayo yaciye iza ibaha imigambi yico bakora. Irababwira kandi ko intambara atariyabo ariko ariyayo. Ica iraza irabagwanirira, Batonda umurongo nkuko Uhoraho yavuze bashira imbere abaririmvi bashajishije ukwera, abansi babo nabo baca basubiranamwo umwumwe na mugenziwe, baramarana ntihasigara nuwa kirazira. Imana yacu yiyerekana mubwiza bwayo no mubushobozi bwayo, Umwami Yewoshafati yarababwiye ati mwizere Imana yanyu mubone gushikama, mwizere n’abavugishwa n’Imana mubone gutsinda. Vyabagendeye ukw’Imana yavuze kuko bayizeye n’umutima wose ukunze, nkuwo bayironderanye. Iyo umuntu arondeye Imana agahagarara neza n’umutima ukunze, yubashe kandi akizera adakekeranya ubushobozi bw’Imana, bitebe bitebuke, ubwiza ubw’Imana n’ukugira neza kwayo biramushikira agateba akabona ivyo yasengeye. Nawe irakubwira ngo NTUTINYE kuvyo uriko uracamwo vyose, zaba ingara canke ingorane canke ibibazo vyo mu buzima. Umwami wawe nta na 1 kimunanira. Yatabaye Daniel mugwobo gw’intare. Asanga Shaduraki, Meshaki na Abudenego mw’itanure ry’umuriro. Azura abapfuye. Intambara niwe azigwanira abamuhungiyeko. Menyako Imana yawe iri muruhande gwawe kuko wahagaze neza ntanakimwe kizogutsinda, canke ngo kikumerere nabi. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s