Uku ni k’Uhoraho abarira abagabo b’i Buyuda n’i Yerusalemu,ati Ni mumene imishike yanyu,mureke kubiba mu mahwa.Yeremiya 4:3-4

Ubutumwa bwa 27.06.2015

Uku ni k’Uhoraho abarira abagabo b’i Buyuda n’i Yerusalemu,ati Ni mumene imishike yanyu,mureke kubiba mu mahwa.Yeremiya 4:3-4
Ubu natwe iri jambo ribwiwe twebwe kuko turi ubwoko bw’Imana yitoranirije.
Gusubira mu vyagezwe 10:14-17 tuhasanga amajambo meza kandi akomeye atubwira ngo ici Imana igomba kubantu bayo.Uhoraho Imana yacu niwe Nyen’ ijuru,mbere ni Nyen’ijuru risumba ayandi,bo n’isi n’ibirimwo vyose.Uhoraho yarangirije umutima kuri ba sogokuruza,arabakunda,atoranya nuruvyaro gwabo ruzoza hanyuma aribo twebwe,abasumbisha ayandi mahanga yose.
IMAMA yacu ntishaka ko tuyibangikanya,Irera, idusaba kwitandukanya no gukura ibigigwa mana vyose mum’itima yacu kugirango tuyimike vyukuri .Irashaka ngo dukure ivyo vyose bituma imitima yacu ikomantara ntiyakire kandi yizere ijambo ryayoh.
Abi kolosayi 3:5-9 haraduhanurira ngo twiyambure za ngeso mbi za kameremere twagenderamwo tutarakizwa.Tureke ububasha bw’Umucunguzi wacu Yesus Kristo buduhindure,tube vyukuri ivyaremwe bisha bitakiganzwa nicaha.
Hoseya 10:12. Igihe kirageze co kurondera uhoraho.Tumene imishike yacu ariyo kameremere nivyaha bitubuza kugendera mu vyagezwe vy ‘Imana,kandi ni vyo dukora vyose tubikore mu kugororoka.
Yesaya 5:3-6 na Yeremiya 9:25 hatubwira uburake bw’Imana nibihano bizoba kubakebwe ariko batakebwe vyukuri.
Mu Gusubira muvyagezwe 30:6 naho hari amasezerano yabemeye guca bugufi,ko Imana izobakiza ikabakizanya nababo.Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s