Ubutumwa bwa 27.06.2015
Uku ni k’Uhoraho abarira abagabo b’i Buyuda n’i Yerusalemu,ati Ni mumene imishike yanyu,mureke kubiba mu mahwa.Yeremiya 4:3-4
Ubu natwe iri jambo ribwiwe twebwe kuko turi ubwoko bw’Imana yitoranirije.
Gusubira mu vyagezwe 10:14-17 tuhasanga amajambo meza kandi akomeye atubwira ngo ici Imana igomba kubantu bayo.Uhoraho Imana yacu niwe Nyen’ ijuru,mbere ni Nyen’ijuru risumba ayandi,bo n’isi n’ibirimwo vyose.Uhoraho yarangirije umutima kuri ba sogokuruza,arabakunda,atoranya nuruvyaro gwabo ruzoza hanyuma aribo twebwe,abasumbisha ayandi mahanga yose.
IMAMA yacu ntishaka ko tuyibangikanya,Irera, idusaba kwitandukanya no gukura ibigigwa mana vyose mum’itima yacu kugirango tuyimike vyukuri .Irashaka ngo dukure ivyo vyose bituma imitima yacu ikomantara ntiyakire kandi yizere ijambo ryayoh.
Abi kolosayi 3:5-9 haraduhanurira ngo twiyambure za ngeso mbi za kameremere twagenderamwo tutarakizwa.Tureke ububasha bw’Umucunguzi wacu Yesus Kristo buduhindure,tube vyukuri ivyaremwe bisha bitakiganzwa nicaha.
Hoseya 10:12. Igihe kirageze co kurondera uhoraho.Tumene imishike yacu ariyo kameremere nivyaha bitubuza kugendera mu vyagezwe vy ‘Imana,kandi ni vyo dukora vyose tubikore mu kugororoka.
Yesaya 5:3-6 na Yeremiya 9:25 hatubwira uburake bw’Imana nibihano bizoba kubakebwe ariko batakebwe vyukuri.
Mu Gusubira muvyagezwe 30:6 naho hari amasezerano yabemeye guca bugufi,ko Imana izobakiza ikabakizanya nababo.Amen