Kwubaha Imana no kuyitinya vyugurura ijuru. 11.07.2015

Ubutumwa bwo ku wa 11/07/2015

Kwubaha Imana no kuyitinya vyugurura ijuru.

Imana yadutoranije nk’abana bayo ngo tugende tuyubaha handi twongere tuyubahirize mu mibereho yacu. Ngo tugende tuyihesha icubahiro mu buzima bwacu bwose. Ni ho nayo ica yihesha icubahiro, ikaduha intahe yo kuyishingira muvyo ikorera abayitinya, bakayubahiriza mu buzima bwabo. Iyo ntahe nayo igafasha benshi. Imana igakomeza guhabwa icubahiro cayo. Natwe izo ntahe tukazironkerako imigisha. Imigani 14: 26-27 ; Zaburi 111: 10 Iyo mu mutima w’umuntu haricubahiro c’Imana ndetse n’igitinyiro cayo, amenya kwirinda cane muvyo akora vyose, no muvyo avuga. Murukwo kwirinda no mukwumvira nawe niho ahegwa imigisha n’Uhoraho. Itanguriro 31: 2-15 & 24-29 & 42. Imana yahaye umugisha cane Labani kubw’umusavyi wayo Yakobo aho yagiye ahonyoza ibirenge hose. Nawe nyene kandi yongera imiha imigisha myinshi naho atari yorohewe mukuza ararenganywa na sebukwe Labani incuro nyinshi, ariko muri vyose Uhoraho Umwami Imana yaramurinda cane kuko yayubaha cane kandi akayitinya. Bigatuma akorera neza cane sebukwe, Labani niyo hagize n’intama izimira canke ibikoko birya akayimuriha kubwo gutinya Imana. Yagendera mu bugororotsi nayo ibana nawe. Kubwo kwirinda kwiwe, Imana yo mw’ijuru ntiyamwibagiwe yamushikirije amasezerano yiwe yoose. Kuko yayubaha kandi akayitinya nkuko yabibonana se Isaka. Amaze kwiyiba sebukwe Labani, Imana yiyerekeye Labani munzozi ariko aramukurikira ngo amugirire nabi amwake abakobwa biwe n’ivyafise, ariko kuko YUBAHA UHORAHO, kandi AKANAMUTINYA vyatumye Imana imugwanirira, ibarira Labani ngo ntagire n’ijambo abarira Yakobo ari rito ari rinini. Imana imushirako igitinyiro cayo, iramurinda abagiye kumugirira nabi. Mugihe ca Yosefu ari muri Egiputa kuko yubaha Imana ndetse akanayitinya cane, bitayeko akayikunda bihebuje, vyatumye yirinda icaha kuri muka Potifari, ariko aho yakoza ikirenge hose hagira umugisha ukomeye. Gushika naho Imana imukura mwibohero kubwo gutinya gukora icaha, imugira Premier Ministre kwa Farao mugihugu ca Egiputa.

Kwubaha Uhoraho kandi ukanamutinya niyo nkinzo ikomeye ku mukristo. Kuko umukristo atabikora atakaza imigisha myinshi kuko agenda ariyanduza. Iyo ishengero ry’Imana habahari gutinya Imana bikomeye haba hakorekamwo ibitangaza bikomeye cane, kandi bitagira umupaka. Kwubaha Uhoraho niyo karangamuntu y’umukristo. Yona 1: 6-9 Umukuru w’ubwato yabajije vyinshi Yona, ariko inyishu yishuye n’1. Nd’Umuheburayo , nubaha Imana nyen’ijuru, yaremye ikiyaga n’imsozi. None wewe mwene Data bakuzi gute? Wivugako urinde? Ijuru rikuzi gute? Ababanyi, incuti, abagenzi, ishengero, abagukikuje bakuzi kwiki? Yobu 22: 22-30. Imana irashaka ko dusiga vyose bitubuza kuyiha icubahiro gikwiye, akaba ariyo itubera itunga. Kwubaha Uhoraho nikwo kwanka icaha. Imigani 8: 13, Kwubaha Uhoraho n’itanguriro ryo kumenya. Kwubaha Uhoraho nibwo bwenge bushitse.

1 Pierre 2: 17. Abantu babayeho batinya abantu ntibatinye Imana, ariko iratubwira ngo tububahe, tubasonere , ariko dutinye ishobora gukiza canke ikica , kandi tuyihe icubahiro ikwiriye, Niho tuzoyibona. Amen Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s