Kugira umutima utunganye 20.06.2015

Ubutumwa bwa 20.06.2015

Kugira umutima utunganye 

Matayo 5 : 7-8. Uhoraho Umwami Imana , arashaka ko tugira imitima itanduye kandi itunganye kuko ariyo igira imbabazi kandi ikazobona Imana. Umutima utunganye ugira ivyamwa, kuko imbuto y’Imana wazigamye muri wewe, abantu bayiryako , bakanezerwa cane kandi nawe ukagira umugisha, ukabera n’umugisha ukomeye abandi.

Menyako ivyucamwo canke ivyuhura navyo mu buzima bwawe, aringorane canke ibibazo vyo mubuzima, ntaho bihuriye n’imigambi y’Imana kuri wewe, kandi ntibiyihindura na gato ni wazigama umutima wawe, ukiyubaka mu kwizera Imana wamenye kandi igufiseko amasezerano.Akabuto yagusizemwo iguma ikazigamye.  Naho woca mu nzuzi canke mumuriro, komeza cane kwiyubaka mu kwizera iyaguhamagaye ntuzotetegwa na gato. Itanguriro 45 : 1-8 ; Itanguriro 50 : 20-21 Yosefu yariyubatse cane mu kwizera no mukugirira imbabazi bene se. Yizigamira mu rukundo rw’Imana. Agira imbabazi, aririnda ntiyihora, atunganira Imana yiwe nayo ikoresha imbuto yamusizemwo abera umugisha ubwoko bwabo ( ab’Isirayeli), ndetse nigihugu yadandajwemwo ca Egiputa kigira umugisha ukomeye mukuronka ivyo barya bibatunga booose naho hari muri kigoyi cinshi cane. Ntayanse bakurubiwe canke ngo abifurize ikibi naho nkumwana w’umuntu batari bamugiriye vyiza, ariko yagize umutima utunganye uzira kwihora kuko yamenye Imana vy’ukuri. Akomeza kwizigamira m’urukundo rw’Imana yiteze amasezerano yiwe naho atigeze yorohegwa mu buzima bwiwe. Ariko izo ngorane yaciyemwo ntaco zakuyeko ku c’Imana yavuze, ariko vyabaye ivy’igiciro cane umugisha wo kwubaha Imana yiwe mukuzigama umutima utunganye yagize. Amasezerano Ab’Isirayeli bari bafise ku Mana, ayo yasezeraniye Aburahamu , Isaka na Yakobo, yabashitseko bari mugutwazwa ituntu mu gihugu ca Egiputa, Imana irabagwiza bikomeye nkuko yabibariye abasavyi bayo. Ikiganza ciza c’Imana ntikikuvako ngo nuko uriko uraca mu bibazo, ahubwo ivomerera imbuto yagusizemwo amasezerano yawe agashika. Yuda 1 : 17-23 Imana yacu iradusaba kwiyubaka muri kino gihe kigoye, twonkera twizigamira mu rukundo rwayo, no gusengera muri Mpwemu. Ikibuza aba Kristo kugumana umutima utunganye nicokinabatesha ukwizera Imana bigashobora gutuma  bagahusha ndetse n’imigisha yabo basezeraniwe. S’ingorane canke ibibazo, canke ingwara n’ibindi bigutesha imigisha, ahubwo n’ingene wewe uvyitwayemwo muguhesha Imana yawe ic’ubahiro. 1Yohana 5 : 4-5 Yohana 16 : 33 Ijambo ry’Imana riratubwirako icavyawe n’Imana cose kinesha isi. Niyo ntsinzi yacu, n’ukwizera kwacu. Kuko ni Yesu we ubwiwe atwibwirira ati naho mw’isi turi n’amarushwa, ati ni duhumure we yaranesheje isi. Umufashe vy’ukuri azokwama anesha kuko nayo Mahoro niwe ayatanga, bigatuma akuzigamira umutima, ukamutunganira naho ibibazo biba bigukikuje. Amen Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s