Kuwa gatandatu 13.06.2015
Urukundo rw’Imana nigwo rudukiza gusa
Kubw’umusalaba wa Yesu Christo, abana b’Imana nta rubanza rukidutsinda. Kuko vyose vyarangiriye ku musalaba i Gologota. Abizeye tugenda twidegemva kuko Umwami wacu yanesheje. Atari kubwo kugororoka kwacu, ahubwo ni kubwurwo rukundo rwiwe rwinshi yadukunze. Gusubira mu vyagezwe 9: 1-6 Uhoraho niwe yagenda arabatsindanishiriza, abakuriraho ababatera ubwoba aribo ba Naki. Naho bavuga ngo ntawoshobora guhagarara Abanaki imbere, Imana yo ntawuyihagarara imbere. Nico gituma yababwiye kwariwe azobaja imbere nk’umuriro utongora. Ivyo vyose baravyiboneye n’amaso, ariko bamaze gushikayo baravyibagiwe, Nico gituma dukeneye kwuzura Mpwemu Yera kugirango ntitwibagire urukundo rwinshi Imana idukunda. Tureke Mpwemu Yera agende aturongora gushingira intahe Yesu Kristo n’umusalaba wiwe. Kuko niwe yemeza kandi agatuma umuntu abona ibintu uko abandi batabibona. Mpwemu Yera mubuzima rukristo n’ubushobozi budushoboza gushishikara ivy’Imana idushakako, ndetse no kugenda turama ivyamwa mu gushingira intahe Umwami wacu Yesu Kristo n’ibindi. Ivyak. N’intumwa 4: 8-22. Petero na Yohana Mpwemu Yera ataratangwa bari bacitse intege basubira muvyabo naho bari barabonye ivyo Kristo Yesu yakoze barumvise n’amajambo yiwe y’ubushobozi. Ariko Bamaze kwuzura Mpwemu Yera bahagarara imbere yikombe rikomeye n’imbere yabashingantahe n’abami n’abanyabwenge bagashingira intahe Umwami wacu muvyo bamwumvanye ndetse n’ibitangaza yagenda arakora. Kubw’urukundo rw’Imana rwabariko ntaco babagira, naho bakubwitwa canke bagapfungwa n ana 1 catuma bareka kuvuga izina ry’Umwami wacu, Imana ikabarindira mu bushobozi bwayo. Nico gituma bongegwa inkomezi, bagasigwa amavuta mashasha igihe cose, umucanwa wa Mpwemu Yera ukababako, ubutumwa bwiza bukwira isi yose, urukundo rw’Imana rumenywa n’abizera bose. Nico gituma ukwiye kumenya ko kubwa Mpwemu Yera twahawe, urukundo rw’Imana ruturiko, nico gituma ariwe adushoboza kugenda turanesha ibitugerageza. Rero Umwami wacu arashaka ko dukwiza mu mahanga yose ibikogwa vyiza yakoze muri twebwe no mubacu, uburuhukiro twaronse n’abandi babumenye baze gutabagwa n’uwanesheje ibihe vyose. Kuko uko ushinga intahe ya Kristo, urubakwa kandi ugaha Imana icubahiro cayo muri vyose, nawe ukaduzwa kuyindi ntera kuko waciye bugufi ugashima urwo rukundo rwayo. Nico gituma ikubwira ko atakizodutandukanya n’urukundo rwayo. Kandi ivyo twifuza vyose n’ivyo dusaba vyose biri muri Kristo Yesu ari ibiri kw’isi canke mw’ijuru. Ab’I Kolosayi 1: 15-23. Reka tureke kumufata agahande kamwe canke kugira amajambo menshi atagira Mpwemu Yera, kuko bituma duhusha imigisha n’intahe ntiziboneke. Tureke Mpwemu adutahuze urwo rukundo rw’Imana kugirango twame mu gutabagwa. Abaroma 8: 31-35. Nta kintu na kimwe duhura naco mu buzima gishobora kudutandukanya n’Imana yacu, kiretse icaha conyenegishira urubanza hagati yacu n’Imana, tukigwanye kugira twame twuzuye Mpwemu Yera, tugume mu rukundo rw’Imana yacu ariyo mutananigwa kumpande zose. Amen