Wahamagariwe kunesha, Nico gituma ukwiye ku ba maso 06.06.2015

Ubutumwa bwo ku wa 06.06.2015

Wahamagariwe kunesha, Nico gituma ukwiye ku ba maso.

Yesu Kristo yaduhaye ubushobozi bwose bwo kugwanya wa mugwanizi, kandi nkuko yanesheje, natwe aturimwo kugirango tube abanesha. Dukwiriye rero kwambara ibigwanishwa vyose vy’umukristo kugirango ntidutsindwe n’ubugunge bwa Satani. Ab’Anyefeso 6: 10-18 Reka Mpwemu Yera atubemwo kugirango dukorere mu bushobozi bwiwe ntitube nk’abatagira ibigwanisha. Dukwiriye kwugururura imitima yacu mukwumvira ijambo ry’Imana no kurigendera, kuko ntushobora gukorera Imana atagira umutima utunganiye Imana, kuko etat yingene ubanye n’Imana bigira igiciro kinini mu mibereho yawe nimigenderanire, nimikorane yawe n’Imana. Yakobo 4: 6-10 Haratubwira ngo tugwanye Satani nawe azoduhunga. Ariko twegere Imana nayo iratwegera. Dutegerezwa gukomeza urugamba kugeza tunesheje, Satani haraho adatakaza ububasha kireste habayeho gushikama mu bushobozi bwa Mpwemu Yera. Dukeneye kuba ibikoresho bikomeye vy’Imana. Tugakororera abadayimoni n’imyuka mibi i kuzimu. Luka 10: 17-24 Yesu Kristo yaduhaye ububasha bwo kubona ibintu bihinduka, turi ibikoresho vy’impinduka. Abagwaye tukabasengera bagakira, ababoshwe tukababohoza, abanyavyaha bakamenya Imana bagakizwa, n’ibindi vyinshi…. . Yaduhaye ububasha bwo kuvuguruza imigambi ya Satani. Nubwo gukuzaho imigambi ya Satani n’ibikogwa vyiwe. Ndetse tukugaza n’inzira ziwe, mungo zacu, mubana bacu, mu babanyinyi ndetse no mubacu, n’ahandi hose. Rero mwene Data menyako wahamagawe ngube igikoresho c’impinduka gikomeye. Ntihagire ikigutera ubwoba, ahubwo reka Mpwemu Yera akubemwo, ukorere mu muriro w’Imana. Harico ukwiriye kugaburigwa no gukuzwa mu kubibera maso, ngo gishobore kukuzanira impinduka no gutabagwa mu buzima bwawe. Mu rushengero turagaburigwa. Ivyak. N’Intum 19: 11-18 Urashobora kuba uri umu Kristo ariko udakorera mu bubasha bwa Yesu Kristo. Gaburira ukwizera kwawe nihugira ubushobozi kuko ikikwinjiyemwo niko umera. Muburyo bwo muri Mpwemu Yera abo basore bari bafise integenke mukwizera. Ntibari bafise vya bigwanishwa vy,umukristo, ngo babemaso bagire ukwizera gushikamye. Reka twambare ibigwanishwa vyose vy’umukristo,Yesu Kristo yaduhaye, kugira tugendere muntsinzi no mu bubasha bw’Imana. Bizokubera inyishu mu ntambara zose, no mu bibazo vyose ushobora gucamwo. Kandi uzoshikama ndetse cane no kugumana ubugingo budashira. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s