Samedi, le 16.05.2015
Kuguma mu muhamagaro wahamagariwe.
Yesu Kristo yaje kuduhamagara kugirango tumwizere muvyo dukora vyose no mumibereho yacu, kuko iyo tumwizeye vy’ukuri nawe abana natwe, ndetse akazodushikana no kwa Data. Yohana 14: 1-7 &18-19. Yaratduhumurije cane, adutumira kumwizera, kandi kwazodushikana kuri Data. Atubwira ngo ntiduhagarike imitima yacu kukintu na 1, tumwizere kandi twizere na Data wa twese kuko ariwe nkomoko yivyo twifuza vyose, kandi ari nawe nkomoko yokubaho neza, ataco umuntu yiganyira kuko umufise, ukamwizera araheza na We akabana nawe. Kandi azoza nogutahana abamwizeye, babane nawe mw’ijuru. Matayo 6: 19-21 & 30-34. Yaje kuduhindura ivyiyumviro, imibereho yacu ndetse nokubona ibintu mu buryo busha bwo muri Mpwemu, ataruko turaba ibintu ndetse tukanavyitwaramwo uko tubibona canke uko dushaka. Adutumira kwitaho ivy’Ubwami bw’Imana, ngo twirundanirize ubutunzi mw’ijuru, ah’inyenzi n’ingese bitabumara. Kuko ivyo dukora vyose canke turondera vyose bitarimwo Imana, kandi ntitunavyubahishe Imana nzima, bishira nabi. Nico gituma atubwira ngo ntitukiganyire kuko dufise umuvyeyi mwiza, atwitayeho. Adusaba kumwumvira gusa no kugendera mw’ijambo ryiwe. Muco yavuze. Ic’idusaba n’ugushitsa mission yayo mu buzima bwacu, kandi tukanezeregwa nivyayo. Tukava muri za sentiment, naza emotion, tukaja mu vya Mpwemu. Tugakora ico yadutegetse gukora. Itanguriro 26: 1-16 & 23-29. Iyugira kwumvira Imana, iraheza nayo ikabana nawe kandi vyose bikagenda neza. Ukagira ikiganza ciza c’Imana muvyo ukora vyose. Isaka yabayeho abandi bariko bahunga bikomeye kuko hari hateye inzara nyinshi cane, iruta iyo mugihe ca se Aburahamu, ariko we Imana ivugana nawe ngo ntakurikire abandi ngwahunge, ariko agume ahari, niyo izomwereka iyo akwiye kuja. Yarumviye, ntiyitaho ikigoyi cari kihari gikomeye. Ahubwo ashira umutima kuc’Imana yamubwiye. Imana nayo ica iramuhezagira bihebuje, aba umutunzi akomeye cane, aho abandi basonzeye, gushika naho yateye ishari Abafilistiya kubwamatungo yarafise. Baraheza baramwirukana, kandi Umwami aramubwira ati turabona yuko Uhoraho ari kumwe nawe. Mwene Data gumya ico wahawe ntukirekure, kuko kwumvira Imana kwa Aburahamu na Isak ana Yakobo vyatumye Imana yitirigwa Imana yabo. Ibashitsako amasezerano yabo yose. None nawe umugwanizi ntakwibe ngo uri kwigwanirira, ahubwo ba mw’ijambo ry’Imana urigendere, wibuke ko n’inyoni zitabura ico zirya kandi zitarima. Amashugwe yambaye neza yo kumisozi, bivyga ko nawe urengeye ivyo vyose ntizoguheba atariwe uyihemukiye ntuyumvire. Guma kumuhamagaro wawe, ushitse ivyagezwe, nayo izogushitsako amasezerano yawe. Amen.