Umutima wizeye Imana (ukunda Imana) ni wo nayo yishimira. «ugira ubwenge buvuye ku Mana» 30.05.2015

Ubutumwa bwo ku wa 30.05.2015.

Umutima wizeye Imana (ukunda Imana) ni wo nayo yishimira. «ugira ubwenge buvuye ku Mana»

Iy’umuntu afise umutima wizeye Imana kandi ukunda Imana, ugira guhishurigwa no gutahura ijambo ry’Imana bizana umuco mu mutima wawe. Kandi iyo uhaye ikibanza ca mbere ivy’Imana mu buzima bwzwe, na yo itegerezwa kuzana inyungu n’imigisha mu buzima bwawe, kandi ukaronka n’ubugingo budashira. Kandi umutima wizeye wizigiye udakekeranya, urahezagigwa, Imana ikagushikiriza amasezerano yawe kuko wayizeye. Ndetse nuko kwizera ukabiharugwako nko kugororoka. Nkuko vyabaye kuri sokuruza wabizeye Aburahamu. Abaroma 4: 13-25. Imana yacu iyo tuyizeye, izura nivyapfuye, ikaturemera n’ibitariho nkibiriho. Haribintu birindiye ukwizera kwawe kugirango bikuremegwe, bibeho kubwawe no kubwabawe. Nkuko kwizera kwa Aburahamu adakekeranya yukw’Imana ico yasezeranye izogikora, akaremeshwa cane no kwizera, ahesha Imana icubahiro. Imana iramunezereregwa, yihesha icubahiro mukumushikiriza ico yizereye, mumyaka yiwe ijana. Nico gituma mwene data nawe uzubiharugwako nko kugororoka, izere kandi wizigire ivyo nyene utabona ingene vyogenda cabitonizigiwe, uzobona ukugira neza kwayo. 1 Samuel 26: 8-25. Dawidi yaronse irugu rya Sauli ariko aramuhiga ngo amwice, umuntu wiwe aramubwira ngo amurekurire amucumite icumu bamusanze aho asinziririye n’ingabo ziwe, ariko Dawidi kuko yari yizeye Imana, akanayubaha cane, akagira ubwenge buvuye ku Mana. Ntiyemeye ko bica Sauli kuko yarababwiye ati sinshobora gukoza ukuboko kwanje kuwo Imana yasize amavuta. Ati Uhoraho arakabishira kure yanje. Hari igitinyiro c’Imana cari kuriwe, no kumenya ukuri atakoze ahurudutse canke yigwanirira. Ndetse bituma na Sauli amaze kumuhamagara, aca bugufi arihana, arigaya cane. Kuko Dawidi yamurushije ubwenge, akamureka ntamwice kandi nawe yagomba kumwica. Dawidi aramubwira ati :»Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe». Dawidi yizeye Imana ayihesha icubahiro mukudakora icaha, ngo akoze amaboko yiwe kuwimikishijwe amavuta n’Imana. Abiherebwa Imigisha, araduzwa aba umwami w’Abisirayeli. Amaze kuba Umwami w’Abisirayeli, yagize ishaka ryo kuzana Isandugu y’Uhoraho Isiyoni akagenda atambira Imana yiwe imbere y’isandugu y’Imana. Amaze kuyishikana yiyumvira mumutima wiwe kuyubakira inzu kugirango ive mw’ihema. 1Ngoma 17: 1-9 Abibwira umuvugishwa n’Imana Natani, we aramuhanura nk’umugenzi. Ariko Imana igendera Natani mw’ijoro imuha ivyo abwira Dawidi kubw’umutima ukunda Imana no kuyizera yamubonyeko. Iramubwira ko atanzu yigeze kubamwo kuva kera, kandi ko nawe atazoyubakira kiretse umwana wiwe yivyariye azomusubirira kungoma. Ariko kwizomuha izina rihambaye nkuko abandi bahambaye bo mw’isi bayafise, kandiko n’abantu bayo b’Abisirayeli azobagenera ahantu ahababadike ubutazongera kuhimuka ukundi. Yagize imigisha ikomeye cane kuko yizeye Imana kandi akayikunda cane, agaca bugufi muburyo bukomeye cane, kandi n’Imana yacu n’Imana ica bugufi kandi ari Imana. None mwene Data twenawe ntakindi kizodushikana kuntsinzi yacu, atarukwizera. Nkuko Aburahamu yagize. Tukugurura imitima yacu, tukagira kwumvira no kuyoboka ijambo ry’Imana. Abanyeseso 6 : 10-18. Baratubwira ibigwanishwa umu Kristo akwiriye gufita kugirango ashike kuntsinzi. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s