Gusenga twizeye bigira ikimazi imbere y’Imana. 09.05.2015

Ubutumwa bwo ku wa 09.05.2015

Gusenga twizeye bigira ikimazi imbere y’Imana.

Umwami wacu Yesu Kristo dusenga kandi ariwe yaducunguye, yahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi ndetse n’ikuzimu. Mat 28:18. Azura n’ivyapfuye bikaba bizima, arema ibitariho bikabaho, kandi ubwo bubasha bwose yabuhaye twebwe abizera. Mariko 16: 15-18 Umwami wacu Yesu Kristo yatwatuyeko ububasha bwose buri muri we, kuko we yicaye i buryo bwa Data wa twese kandi yongera akatubamwo muri Mpwemu n’ubushobozi, n’ububasha bwiwe bwose. Nitwe dutegerezwa ku mwizera kandi tugakoresha ububasha yaduhaye, kuko atari kubwacu bikoreka ariko nikubw’izina ryiwe n’ububasha bwiwe bukorera muri twebwe. Matayo 17: 14-21. Gusenga ni kimwe kugira ukwizera ubushobozi bw’Imana n’ikindi. Nico gituma adusaba kumwizera kuko ukwizera nikwo guhindura ibintu, kugakuraho imisozi n’intambamyi zitubangamira. Mariko 11:20-26. Iy’umuntu afise muriwe kwubaha Imana no kuyizera, agaheza agasenga, agira no guhindura ibintu, amasengesho yiwe akora ku mutima w’Imana, ibihano bikavaho canke bikagabanywa ndetse n’ibindi. Daniel 9: 1-7 & 16-23. Daniel yasonye ivy’Imana yavugishije abavugishwa na Yo vyanditswe mugitabo, abona n’ibihano vy’imyaka mirongo irindwi. Aca yiyegurira gusenga no gutakamba yinginga, yisonzesheje, yihana, yereka umubabaro wiwe wose Imana yo mw’ijuru kuko yamenye icatumye baja mu bihano kwaruko bacumuye ku mana yabo bagahindukirira ibigigwamana. Ariko Ibihano Imana yari yahanye Yerusalemu, n’Abisirayeli, kubwo kwinginga kwa Daniel no kwibabaza kwiwe no guca bugufi imbere y’Imana yiwe. Uhoraho Umwami Imana ntiyavyirengagije namba na gato. Ibihinduriramwo amayingamirongwirindwi yo kyokwubaka Yerusalemu kuko hari habaye imisaka. Mwene Data gira amasengesho cane kuko amasengesho niyo kigwanishwa c’umu Kristo kandi niyo adushitsa kurundi rugezo.

-Amasengesho atuma wunguka ubwenge, ugasigwa amavuta, -Usangira ibanga n’Imana,         – Ahindura ibintu, -Ukura muri Mpwemu kandi Mpwemu Yera akagumana nawe, -Wongegwa inkomezi, Abacamanza 6: 12-14 – Ugira ububasha n’ubushobozi buva ku Mana, -Imana irakwishimira, -Ugira protection iva ku Mana, -Ugira ububasha bwo kwugara imiryango y’ikuzimu. Ugira gutsindanishirizwa n’Umwami wacu Yesu Kristo.Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s