Kuba munsi y’Umusalaba wa Yesu Kristo i Gologota. 02.05.2015

Message du 02.05.2015

Kuba munsi y’Umusalaba wa Yesu Kristo i Gologota.

-Kuba munsi y’Umusalaba wa Yesu Kristo nikwo gutabagwa ubugunge bwa wa mugwanizi. —-Haba guharigwa ivyaha vyacu, tugahinduka basha mu kwezwa vy’ukuri tukagendera mu kugororoka. – Haba imitima misha ihindutse gose. – Haba kuva muri za kamere, mu ngeso ataho zidushikana, no muvyaha tugendana mu mibiri yacu, tukaba basha mungeso zacu no mumitima itanduye.Haba kumenya kwihana, no guharira ivyaha abatugiriye nabi, tukava mu bupfu bwo kudadaza imitima, no gushigikira ivyaha vyihisha mu mitima yacu, tukamenya ivy’Umwami adushakako, kugirango tumukorere twubashe kandi tunezerewe kubwa Mpwemu Yera. Abanyefeso 4: 20-24 & 30. Ivyagezwe biratumenyesha ivy’Imana idushakako. Turongogwe na Mpwemu Yera kugirango twamire Imana imbuto. Abaroma 7: 4-6 & 15-25. Dukoreshwe na Mpwemu Yera twambaye ubwiza bwuwadukoye amaraso yigiciro , akatwitangira ariwe mwami wacu Yesu Kristo. Iyo duhindutse vy’ukuri, turi n’icaremwe kidasanzwe, kuko dufise ubwiza Imana yadusizemwo kugirango tubwamire abandi. Buzane impinduka mu bantu Imana yaremye. Yona 1: 7-1, Yona 2 ; Yona 3. Imana yatumye Yona kuburira Ninewi ariko kuko yari yibikiye mumutima wiwe ivyaha vy’inzigo, ishari, amacakubiri, urwanko rw’inzikira ndetse no kutumvira Imanabituma atama imbuto ahubwo ahitamwo kwironderera gupfa. Ariko Imana y’urukundo rwinshi n’imbabazi nyishi itadukorera ibikwiranye nivyo dukora, yarumvise gusenga kwiwe yaterewe munda y’urufi iraheza itegeka urufi kumudashwa. Isubiye kumutuma, arabikora ariko ashavuzwa nuko Imana ihariye Ab’ininewe kuko bumviye bihana n’umutima wabo wose, nawe Yona arashavura cane , bituma asubira kwisabira urupfu. Ariko Imana Umutunzi w’Imbabazi nyinshi ntiyamuretse nubwo ngwapfe, ahubwo yakomeje kubana nawe. Nico gituma idutumira kuguma munsi y’umusalaba wa Yesu Kristo kugirango tuhabohokere gose, Mpwemu Yera aze arakura ku mwami w’ubugingo atubwira uko dukwiye gukora ndetse no guhinduka gose, kugira twame imbuto ata ntambamyi twibitsemwo, kandi tugamburukira umwami, duhimbara umutima wiwe. Abandi tubamurikire, tubamire imbuto zagakiza gashitse. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s