Message du 18.04.2014
Kugwiza, canke kugira ubucuti bwuzuye na Yesu Kristo.
Yesu Kristo yaje mw’isi gukiza abari muriyo, kugirango tumukunde, kandi tumwizere. Yaje yiyereka abatamuzi, kugira niyo bamumenya barushirize kumwegera , kumwizera ndetse no kugira urukundo rwiwe rugwiriye. Yohana 5: 1-18. Uwo muntu yaramaze imyaka 38 arikimuga, Yesu Kristo amaze kumukiza yagiye mu rushengero rw’Imana gusenga ashimira Imana. Ariko ntiyarazi Yesu Kristo, ariko Yesu amaze kumubwira ati raba wakize ntuze wongere gukora icaha kugirango ntuz’ubone ibiruta ivya mbere. Wamuntu yaciye agenda kubwira abayuda yuko ari Yesu yamukijije. Hari icakoretse muri we, sugukira ku mubiri gusa, ahubwo harurukundo rw’Imana rwamuremetse mwo kuko yahuye vy’ukuri n’Umwami Yesu, agenda kumushingira intahe. Yohana 4: 48-53 , Umutware yaragwaje umwana wiwe ari ku mpfiro, ariko aragenda asanga Yesu Kristo, ngo aje kumukiriza umwana agira apfe, ariko Yesu Kristo aramubwira ati: «Genda umwana wawe ni muzima.» Abaje kumurana bamubwira yuko umwana yakize ari muzima, aca arakizwa nabo murugo gwiwe bose. Kuko Yesu Kristo yaje kuduha ubugingo, kandi ngo tumumenye, twongere tumenye ko ariwe akiza ingwara zacu, akaruhura imitwaro, akikorera ibitunaniza vyoose Matayo 11: 27-30, Akaduha uburuhukiro bw’Imitima yacu. Ntahandi ivyo bibonegwa atari muri Kristo Yesu, si kumenya vyiiinshi cane mu vyagezwe, ahubwo nukumenya neza uwo mwami, nukugwiza ubucuti nawe, kuko ukumumenya niho uhishurigwa vyinshi, Mpwemu Yera akagenda araguhumura amaso akwereka nivyo utaruzi. Yohani 14: 21-23. Iyo umaze kumumenya neza niho n’ijambo ry’Imana urikunda ndetse rikanakuryohera, ukarigirira inyota kuko Mpwemu agutahuza ubushobozi bwaryo buva kuri Yesu Kristo. Kandi uko urushiriza kwugurura umutima wawe niko nawe arushiriza kukwihishurira. Matayo 14: 27-33. Iyo ubucuti bwawe n’Imana bumaze kugwira ntuba ugikekeranya kuvyiwe. Kuko muriwe harimwo ibanga rikomeye. Petero ntiyarazi ko amazi yoshobora kuyatambukirako, ariko kuko Yesu Kristo yaravuze, nawe yarabikoze abona birashoboka. Nawe mwene Data, komeza kumwegera no kumurondera, azocecekesha ivyo bihuhusi bikubuza kubandanya nkuko yabikoze ku ntumwa bari mu bwato. Ivyak n’Int. 16: 25-26. Paul na Sila kuko bari baratahuye ibanga riri muri Yesu Kristo, ntaho bavugije induru n’amaborogo kubwiminyororo yaribaboshe ku maguru no kumaboko, ahubwo baririmbiye Imana batazira Imana, Isi iratigita, amatanguriro yinzu aranyiganyiga, iminyororo iradohoka, kubwubushobozi buri mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo. Nico gituma ncuti yo kumusalaba wa Kristo agutumira ngo harageze kukura ukava mu bwana mugakiza ukagera kurugezo rwo kumumenya gose, kugirango ivyo vyose vyagutera ubwoba ubumugomororere, umuhe icubahiro nawe akwiyereke mukukubera inyishu muri vyose. Amen