Ubutumwa bwo ku wa 11.04.2015
Imigambi y’Imana ku bana bayo.
Ku bw’uburukundo rwinshi Imana yacu yadukunze, yaduhaye n’amasezerano itugirako imigambi myiza, kandi tudacitse ibinebwe vyose biradushikako. Ariko ntitumenya inzira icishamwo kuko inzira zayo ar’ibanga ryayo yibikiye, twebwe tubona ikora gusa. Kuvuka kwa Mose ingene kwagenze no gukura kwiwe aho yarerewe yari imigambi y’Imana kuriwe. Ndetse n’inzira umuhamagaro wiwe waciyemwo nk’abana b’abantu ntivyari vyoroshe, ariko kuko Imana yarimufiseko imigambi myiza vyose vyamushitseko aba ariwe akura ab’Isirayeli muri Egiputa naho yarasigaye arumwungere w’Intama za Yetiro sebukwe. Kuvayo 3: 1-6 & 9-12. Imana imaze kumubonekera mugisaka caka umuriro kidatemuka, agiye kukiraba, Imana yavuganye nawe iti kura inkweto mu birenge vyawe kuko aho uhagaze arahera. Kuko Imana ntikoresha kandi ngo igendane n’abanduye muvyaha, ariko igendana n’abera, nico gituma na Mose yabanje kwitunganya hanyuma akagendana n’Imana mu mugambi mwiza Imana yarimufitiye. Kuvuka kwa Yesu Kristo bo nukuzuka kwiwe, Satani yahagurukije aba Dayimoni, abami n’abakomeye kugwanya umwana w’Imana, mukuzuka kwiwe bahera abasoda baraririye ngo bavugeko bamwivye ariko, Imigambi yooose y’Imana nta na 1 cahindutse, intsinzi y’Umwami wacu Yesu Kristo yagize mwizuka ryiwe yarabaye, irahari kandi izohoraho ibihe bidashira, intsinzi yadusezeraniye twarayihawe. Tugomba gusa n’Umwami wacu Yesu Kristo kuko yanesheje natwe dutegerezwa kunesha. Kubwimigambi myiza Imana idufiseko, dutegerezwa gukomera ntiducike intege, kugeza dushitse kuntsinzi yacu, muvyo twiteze vyose. Kuko kunesha kwacu kuri kumusalaba. Tugire impwemu yokugwana urugamba gwo muri Mpwemu nka Kalebu, yashikirijwe umugabane wiwe kuko yagumanye n’Imana akagendana nayo muri vyose. Yosuwa 14: 6-15. Harigihe ndetse uzoshikwako n’imigambi myiza y’Imana kuko wizeye, ukaguma muvyagezwe vy’Uhoraho, ukanka kwiyanduza, ugashira umutima wawe kuc’Imana yavuze, ugaheza ukahabwa umugabane uhabwa abakunda Imana, kandi bakayizera muvyukuri badacika intege kandi bataba ibinebwe mukwizera: Nkuko Daniel na Shadulaka, Meshake na Abudenego bahawe gutwara igihugu kuko bagumanye n’Imana yabo, bakayizera nayo ikabahezagira bikomeye, umugambi mwiza w’Imana ukabashikako, uciye munzira atawoyibaza, ariko inzira z’Imana zose nizicubahiro kandi nizukuri. Naho ataco Imana yari yarabavuzeko, ariko kuko bagumye muriyo badakekeranya, bakayubaha nayo yabahaye icubahiro. Amen. Matayo 26: 30-35. Petero kuko yakunda Yesu Kristo cane, naho vyashitse akamwihakana kubera ubwoba, kuko yababajwe nicaha akoze akihana, imigambi y’Imana kuriwe , ico Yesu Kristo yamusezeraniye kwazoba inkingi y’Urushengero rw’Imana yiwe yarabimushikijeko. Mat. 11:12 Reka twese tugire ukwizera no gushiruka ubute mugukorera Imana twiteze ivyiza Imana yaduteguriye kuko utayihemukiye nguyiveko nayo umutima wayo ukugumako kandi inzira icamwo mukukubera inyishu ntuyimenya ariko iragushikira atakibizibira canke ngo kibibuze. Amen