Twashiriweho kugenda turama imbuto. 28.03.2015

Message du 28.03.15
Twashiriweho kugenda turama imbuto.
Umwami w’ubugingo yatwihaye ngo tumumenye, atubemwo, kandi tumwizere tudakekeranya, twongere tumumenyeshe abandi kugirango ubwami bw’Imana bukwire hose. Harijambo rikomeye ryubugingo rir muri wewe Yesu Kristo ashakako uribwira abandi. Mariko 16: 15.18 ; Matayo 28 : 18-20 ; Yohana 15: 16-17
-Twara ijambo ry,ubwenge rikiza abandi.Daniel 2: 46-47
– Tanga ijambo ry’ubuzima rifasha kandi rikaruhura abarushe n’abaremerewe.Mariko 16: 10
– Gabura ivya Mpwemu w’ubugingo bihumura impumyi bigatahuza abafise inzara n’inyota ububasha bw’umusalaba. Yohani 6: 63
– Menyesha abandi ububasha bwa Yesu Kristo, kugirango bagire ukwizera kutanyiganyiga batsindanishirizwe ubugunge bwawa mugwanizi. Bave mw’ibohero no mukutamenya icazanye Yesu mw’isi.
Ushobora kwikengera ariko menya ko imbuti iri muri wewe ifitiye akamaro kanini abantu benshi cane. Imana ntigomba kugukoresha mu bintu bibonekera amaso y’abantu, ariko iragomba gukoresha ukwizera yagushizemwo. Kuko uwo wizeye niwe yavuze ati, Jewe nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi. Kuko wizeye Yesu Kristo, mwaturire kugirango n,abatizera canke bizeye ibindi canke bazi iryo zina gusa, batazi ubushobozi bwaryo ahubwo bakurikire ubushobozi bwaryo bwinshi cane kuko ariryo ridukiza kandi rikadutabara mubitugerageza, ndetse rikaduha n’ububasha bwo kunesha ibitugerageza. Yohani 7: 37-38. Imana idutumira kuvuga ijambo ryayo kugirango abantu bamenye ivy’ubwami bw’Imana, bamenyukuri. Ukuri kw’Imana iyo kumaze kwinjira mu buzima bw’umuntu, ibintu birahinduka mu buzima, ndetse bakagira n’intumbero ibageza kuntsinzi, kandi ndetse ukagera kubikomeye cane kuko wizeye Imana kandi wayubashe. Daniel 4: 27 & 34-37. Mwene Data ntureke kuvuga ubushobozi bw’Imana yawe, kandi ntutinye kwaturira Kristo Yesu kuko abantu baramukeneye, Kandi ni wewe nyene Imana ishaka gukoresha kuko wamenye ukuri Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s