Menya imigambi y,Imana ku buzima bwawe n’igituma uri umu Kristo 21.03.2015

Ubutumwa bwo ku wa 21.03.2015
Menya imigambi y,Imana ku buzima bwawe n’igituma uri umu Kristo.
Umuntu wese Imana yamuremye imufitiye imigambi myiza. Kandi uk’umuntu wese ari nigikoresho ciza cane c’Imana kubwico Imana yamusizemwo. Kuvayo 4: 10-12 ; Matayo 25: 20-28 ; Matayo 17: 1-5 Nico gituma dukwiye kumenya igituma twavutse, n’igituma Imana yaduhisemwo ikaduha agakiza. Rero iyo umenye igituma uri umu Kristo, no kugwa ntugwa canke ngusubire inyuma. Umuntu wese Imana yaremye kandi yahamagaye yamusizemwo imbuto arizo igereranya n’italanto. Kuko italanto arimbuto Imana yasize m’umuntu ikeneye ko zigwira, zigatuma ubwami bw’Imana bwaguka. Zigakoreshwa kugira tugire imigenderanire myiza n’Imana. Nico gituma abantu kenshi bafata umwanya munini wokuja imbere y’Imana bayisaba, ariko bakibagigwako kenshi ivyo dusaba Imana biri muvyo imaze kuduha. Kuko har’ingabare yadusizemwo igomba ko zikora. Hanyuma zimaze gukora n’ivyo navyo dusaba bikaba. Kuko mugukorera Imana tuguma mu bwiza bw’Imana, bigatuma tugira ubusabane bwiza n’Imana. Iyo rero uri mubwiza bw’Imana, ikiganza ciza ca Yesu kiraza kikagusangayo kikaguhezagira. Kandi iyumaze kugira ubusabane n’Imana urumva ijwi ryayo kuko ugira umwanya mwiza wo gusanga utirukanga. Hanyuma Imana nayo ikaza ikavugana nawe.
Impamvu zituma tutabona ubwiza bw’Imana:
1-Imyitwarire yacu nk’aba Kristo,
2-Uburyo tubona ibintu (kandi nivyo bigufasha nok ubona ingene utorera inyishu ingorane). Menyako ingabire ziri muri wewe n’inyishu y’ibibazo uhura navyo.
3-Kwisigura, kugira ibituma.
Nico gituma dukwiye kuberaho ico twavukiye, tukagira ubusabane bwiza n’Imana. Ugatsinda ubwoba. Kuko ivyushoboye birakosora ivyudashoboye. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s