Ubutumwa bwa 14.03.2015
Dutahure kandi tumenye ubasha bw’Umusaraba wa Yesu Kristo.
Umusaraba wa Yesu Kristo niwo udutahuza koko urukundo Imana yadukunze, yo yemeye kurungika umwana wayo w’ikinege ngo aze awikorere kubwacu,n’urukundo Yesu kristo yadukunze we yemeye kubabazwa kugira ngo adukize. Jean 3: 14-16
Igihe abisirayeri bidodombera Imana bari mu nzira ija ku kiyaga gitukura, yabateje inzoka zifise ubumara zirabarya. Bahindukirira Mose baramutakambira ngo abasabire imbabazi k’Uhoraho.
Imana ibwira Mose ngo acure inzoka isa nazo ayimanike ku giti c’intumba, ngo maze uwakomowe wese niyayiraba arakira. Guharura 21: 4-9.
Yesu Kristo nawe yaje yambaye ishusho y’Umwana w’umuntu kugira ngo adukize.Yaremeye araza yambara umubiri w’icaha, ata caha yakoze, arabambwa ku musaraba ariko yabikoze kugira ngo atsindanishirize uwuzomwizera wese.
Yesu Kristo yadukuyeko icete kitwagiriza akibamba ku musaraba i Golgota. Ab’Ikolosayi 2: 13-15
Kuri uwo musaraba niho twaronkeye agakiza
Gukizwa vy’ukuri n’ukuba warawutahuye.
Kumenya uwo musaraba bidutandukanya n’icaha, niko gakiza. Kuko tuzi ko iyo twongeye gucumura tuba twisubirije Yesu Kristo ku musaraba. Abaheburayo 6: 4-6
Umusaraba wa Yesu Kristo n’inyishu y’ibibazo vyose. Iyo umuntu agiye mu kibazo icarico cose, yibuka ko Yesu Kristo vyose yabirangirije ku musaraba i Golgota. Na satani aguteye ukamwibutsa uwo musaraba araguhunga.
Kubw’uwo musaraba, satani afise akarimbi adashobora kurenga nico gituma azokwama atsindwa ibihe vyose.
Ubushobozi bw’umusaraba.1 Kor. :18
Ijambo ry’umusaraba ku bahona n’ubupfu ariko kuri twebwe abakizwa n’ubushobozi bw’Imana.
Muri uwo musaraba niho hari ibanga n’ubushobozi vyihishije tudatahuzwa n’ubwenge bwacu ariko dutahuzwa na Mpwemu w’Imana. 1 Kor.1: 20-31
Ubupfu bw’abantu burusha abantu ubwenge, kandi intege nke z’Imana zirusha abantu inkomezi. Imana yatoranije ibipfu vyo mw’isi ngo imaramaze abanyabwenge. Kandi yatoranije ibinyantegenke vyo mw’isi ngw’imaramaze ibikomeye.
Ariko tweho ntitwahawe impwemu y’isi, twahawe Mpwemu ava ku Mana kugira ngo tumenye ivyo Imana yatugabiye. 1 Kor.2: 12-14.
Ni naco gituma dukwiye gusenga cane tukinginga Imana ngo idufungure amaso yo muri Mpwemu ngo adutahuze ibanga ry’uwo musaraba. Ni twatahura iryo banga tuzokwamana intsinzi muri vyose kandi ibihe vyose.
Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro biva ku kwizera kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba mubihawe n’ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Abaroma 15:13. Amen.
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories