Kugira Yesu Kristo mu buzima bwacu, Tukamuha agaciro akwiye. 07.03.2015

Ubutumwa bwo ku wa 07.03.2015

Kugira Yesu Kristo mu buzima bwacu, Tukamuha agaciro akwiye. 07.03.2015
Imana yaduhaye umwana wayo Yesu Kristo kugirango abazomwakira akababamwo vy’ukuri abahe kwidegemvya, abahe amahoro n’umunezero mu buzima bwabo. Ndetse ababere inyishu y’ibibazo vyose bahura navyo mu buzima. Kuko muri we ariho umwizera wese atsindanishirizwa muri vyose. Abantu bafise cane inyota yo kurondera Imana, ariko haraho bahura n’abatabatahuza neza uwo Mwami w’ubugingo. Bakaba murushengero bafise ukutamenya canke buzuye ugukekeranya mumitima yabo. Ivyak. N’intumwa 8: 26-40 Iyo nkone yarivuye gusenga mu ngoro y’Imana, ariko yarafise cane inyota y’ijambo ry’Imana, nico gituma yatashe agenda arasoma iryo jambo ry’Imana. Niho Mpwemu w’Imana yabarira Filipo ngo yegere uwo mukogote warutwaye iyo nkone isoma bibiliya ariko idatahura. Filipo aramubaza ati ivyo usoma urabitahuye, nawe ati nobitahura gute ntaronse ubinsigurira! Ariko Filipo ateranura akanwa atangura kumubwira ivya Yesu Kristo Umunyanazaleti. Nawe yuzura Mpwemu Yera acabaza ko atoshobora kubatizwa. Mwene Data teranura akanwa kawe uvuge Yesu Christo. Kuko abantu baramukeneye, nta wundi canke ikindi abantu Imana yaremye bakeneye atari kumenya vyukuri Uwo mwami w’ubugingo, ngo bamushire hejuru mu buzima bwabo. Kuko iyo tutamushize hejuru haraho tudashika. Niwe aduha gukura muri Mpwemu, tukaba mw’ijambo ubuzima bwacu bukabaho buhindutse. Iyo nkone yarumutunzi ariko harico yarahajije. Haraho abantu bigishwa canke bafata ibisa n’ivy’Imana, ariko bitabaha umwidegemvyo nkuwo turonka muri Kristo Yesu. Hagomba kubaho umuntu akumenyesha uburenganzira bwawe. Kuko uruwigiciro, wakowe amaraso y’umwana w’Imana. Uri umuragwa w’ivyasezeranywe kubwa Yesu Kristo. Ivyak.n’Intumwa 18: 24-28. Apolo yagenda yigisha ijambo ry’Imana aryitondeye ariko yavuga ivy’umubatizo wo kwihana gusa, ariko Purusikira na Akwila, bamujana iwabo barushiriza kumutahuza inzira y’Imana. Nawe agira umwete cane wo kugenda afasha abizeye atahuza abantu ko Yesu ariwe Kristo. Ishengero rirakeneye ubutumwa bwiza bwuzuye. Vuga Yesu Kristo yaje kuduha ubugingo. Muri we niho vyose bironkeka, ivyo udashobora guhabwa nikintu icarico cose, yabamahera canke abantu n’ibintu, muri we vyose birashoboka. Iyumaza kumutahura, ntawuzoza kukubwira kwihana, kugendera mu kugororoka canke kwigishwa ivyo gutangira Imana ndetse n’ibindi….Kuko vyose Mpwemu Yera abigushiramwo bikakubamwo. Kandiko Yesu Kristo ariwe muti (inyishu) yivyawe vyose. Kandi aguha ukwidengemvya kwose muri we. Ab’Igalatiya 5: 1 & 5-6 Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s