Ubutumwa bwo ku wa 28.02.2015
Gushikama mukwizera Imana
Iyo ushikamye mu kwizera Imana ugenda wama imbuto zikwiranye no kwihana. Ukamenya ico ukwiriye gukora. Nico gituma Umwami Imana idushakako agakiza gashitse. Suko twitwa amazina y’abana b’Imana canke yabakijijwe atariko itubona ndetse n’abantu atariko tubamira ivyamwa vyagakiza. Nico gituma ishaka agakiza yaduhaye katubemwo tugende turama imbuto zikwiranye no kwihana, zishingira intahe abo turibo, ko twacunguriwe ku Musalaba n’Umwana w’Imana. Ivyak n’Intum. 13: 44-52 & 33-40 Paul na barunaba bavuga ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo bashimitse kandi batabobotereza, abantu barizera barakizwa, ariko abayuda bo bavyura ishari bazana impari ndetse n’akadenderezo ngo babeshere intumwa kugirango bazirukanishe. Ariko intumwa zirababwira ziti vyari bibereye kw’ijambo ry’Imana ribanza kubwigwa mwebwe kugira muronke ubugingo budashira, noneho duhindukiriye abanyamahanga nabo, kuko Umwami Imana ariko yababariye. Banse ijambo ry’ubugingo rya Yesu Kristo ariho vyose bironkeka, kandi muri we ariho abizera bose batsindanishirizwa kuri vyose. Nico gutuma ncuti yanje ikubwira ngo ntumuhakane nkuko abo bamuhakanye, kuko igituma yagutumbereye nuko yaguhisemwo kandi igukunda idashaka ko uzocirigwakwiteka. Ivyak n’Intum 26: 14-20. Imana yacu ntitoranya kubutoni canke kucubahiro, ariko itoranya uwo wese afise umutima wo kwemera. Nico gituma yagiriye ubuntu umusavyi wayo Paul ikamukura mubwicanyi yari yarazimiriyemwo, ikamuhamagara ngwagende arabwira abanyavyaha ubutumwa bwiza, kugirango babivemwo bihane na Yo ibakize. Nico gituma umuntu wese amaze kumenya ukuri, akwiye kukugumamwo kandi akinjira gose ngo Mpwemu Yera amutahuze ibanga ryo kuguma mu bugingo budashira, kuko benshi bamera nkaho bimutse gusa ntibahinduke ariko bakagumana impwemu y’amadini muri bo, bigatuma baguma bitembagaza mu vyaha bahoramwo batarakizwa, bakabaho batagira ukwizera Imana, batagira gitabara kuko atawusaba imana 2. Ugumye mukwizera ndetse gukomeye Umwana w’Imana nawe abana nawe muvyucamwo vyose. Daniel 3 : 16-18 & 24-26, Shaduraka , Meshaki na Abedunego babaye abahizi mukwizera Imana Rurema, naho bageragejwe bikomeye bahisemwo guheba n’amagara yabo kuko bari baziko naho bayahevye yuko iyo basenga kandi bamenye ishobora kubatabara mwitanure ry’umuriro uhinda kandi niko vyagenze. Baraheza babera umuco abandi benshi cane, bahindukirira Imana yabo. None mwene Data, ko twavuye mu mwijima umuco ukatumurikora, reka tugume mumuco kugirango tuboneshereze amahanga. Ntaco tugenda kahataco tuzi kuko iyo atacuzi ntaco ukora kandi satani nawe agutoza amaboko. Tegura kazoza kawe bigishoboka kuko iki nico gihe, kandi bikoreka umuntu acambaye umubiri. Amen