Kwizera no kumenya gose ububasha bw’Imana.07.02.2015

Message du 07/02/2015
Kwizera no kumenya gose ububasha bw’Imana.
Imana yaduhaye ijambo ryayo, ariko iragomba ko turishira mungiro mu buzima bwacu no mumibereho yacu. Kugirango tubeho tuyizeye, kandi twemere n,ububasha bwayo kugira ntiduhungabane mu rugendo turimwo ruja mw’ijuru. Kuko muriryo jambo yaduhaye harimwo ububasha bukomeye buva ku Mana butuma ibintu biba. 1Abami 17: 14-15. Aribwo butuma nivyo dusengera turihagazeko bigakoreka.
Nico gituma harico Imana irekura kikaba kugirango igeze abantu bayo kurundi rugezo mukuyizera no kwemera ububasha bwayo n’ubushobozi bwayo. 1Abami 17: 17-24Uwo mupfakazi yabuze umwana yiruka gushwanira umukozi w’Imana, ko yaje iwiwe kwibukiriza ivyaha vyiwe, ariko umukozi w’Imana amaze gusengera uwo mwana amwubarayeko, umwana aba muzima, amamuha mama wiwe akomeye. Ariko mwene Data menya ko Imana ariyo ikora ibitangaza, uhagarare kuvyo yagukoreye vyooose, uyibutse kandi wongere uyishimire bivuye ku mutima. Ivyawe nivyo wumvise muntahe ndetse no mubiri mw’ijambo ry’Imana. Bizogutuma wongegwamwo inkomezi mukwizera no mugusenga witeze ic’Imana ikomeza gushira amashimwe n’intahe muri wewe. Umenyeko ar’Imana ikora atari umuntu, ahubwo abantu tuba ibikoresho vy’Imana kuko duhagarara kw’ijambo mukwatura ibitangaza. Kuko iryo jambo ry’Imana tivuga niryo rija mungiro ibitangaza bigakoreka. Ivy’Intumwa 20: 7-12. Bariko barumviriza ijambo ry’Imana umukozi w’Imana Paul atebeje mu majambo, ariko umusore amaze gukoroka avuye kurie tege ya 3 agapfa, vyatumye bose banezegwa kubwibitangaza bikoretse bongegwamwo inkomezi mukwizera Imana no mukuyemera. Ivyak n’Intumwa 5: 1-11, Ananiya na Safira nabo batumbereye ahera h’Uhoraho batwaye umutima w’ububeshi n’ubugunge mumutima wabo, baja guhenda Mpwemu w’Imana mugushikanira Imana ivyo badandaje, ntibaba mukuri ngo bemangire ukuri, ariko Imana ikora ibitangaza bapfira aho nyene ako kanya. Abantu baratinya cane kuko babonye ibibaye. Mwene Data, reka twemangire Kristo Yesu mukwizera no mukwemera ububasha bwiwe, nawe atwemangire muvyo ducamwo, adutabare. Luc 9: 26 Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s