Twizere Imana muri vyose kuko Imana yacu ari Mana ikora ibitangaza. 17.01.2015

Twizere Imana muri vyose kuko  Imana yacu ari Mana ikora ibitangaza. 17.01.2015
Ukwizera niko kudushikana kumasezerano y,Imana.
Itanguriro 17:16-17 Haratwigisha kwizera Imana mubintu ubwenge n,ubushobozi bw,umuntu bidashobora gutorera inyishu.Imana yasezeraniye umusavyi wayo Aburahamu ko izomuha umwana kuri Sara.Aburahamu aravye umubiri wiwe ushaje nuwa Sarayi yabona ko bitoshoboka ko bavyara umwana. Asaba IMANA ngo ikomeze Ishimayeli. Imana iramubwira ati Oya ntukamwite  Sarayi ukundi ahubwo umwite Sara kuko [ naho ashaje] azovyara umwana w,umuhungu ariwe ISAKA.Aburahamu yagize kwizera ijambo ry,IMANA ,akora ici IMANA yavuze ,IMANA imushitsako amasezerano .Duhange amaso IMANA ,mubushobozi bwayo,duce ubusa ingorane,kuko iri IMANA ikora ibitangaza.
Umu Kristo atagira ukwizera ntahimbara IMANA .Imana irashaka ko tuyizera muri vyose kuko atanakimwe kiyinanira.
Luc16:17 Hatwigisha ubushobozi bw,ivyagezwe n,IMANA ,ko atacokuraho  amasezezerano yasezeraniye abayizeye   .
Kwizera IMANA kwatumye tuba abana b,IMANA  duhingugwa  gose ngo duse  nayo,kudushikiriza amasezerano twaronkeye mumwami wacu YESUS KRISTO (amahoro,umunezero,gukomera,kugwira,imigisha ect …igisumba vyose kudushikana kubugingo budashira.
Ivyahishuriwe Johana 6:9-11 Hatwibukije ko vyukuri hari ingororano kubizeye IMANA.  Hari abababajwe ,bishwe bahowe gushingira intahe IMANA ariko banka kwiyanduza kugira ngo bazoragwe ca gihugu ciza cane twasezeraniwe. Nabo ntibibagiwe bambitse izera kandi bari muburuhukiro,gushitsa wa musi Yesus azoza kutujana.
Itanguriro 4:7 Ijambo ry,IMANA riratwigisha guhitamwo neza. Dukwiye guhitamwo  kuguma mu kwizera naho twoba turi mubigeragezo ,canke tunanijwe cane ,kuko ukutizera kutujana gutsindwa nurubanza ariko abazoguma mukwizera gushika kuri wamusi Umwami YESUS azogarukirako ni bo bazoronka ubugingo budashira.
AMEN.
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s