Kwiga canke kumenya kugendera mu masezerano. 24.01.2015

Message du 24/01/2015

Kwiga canke kumenya kugendera mu masezerano.

Igihe cose Imana yavugana n’abantu bayo yatoranije yabaha amasezerano. Kuva kuri aburahamu sokuru wacu, ndetse na Isaka umuhungu wiwe, na Isirayeli, ba Dawidi ndetse n’abandi yagenda ababwira ngo nzobaha, uruvyaro rwawe nzorugwiza, canke Iti nzobana nawe, iki gihugu nzokiguha, n’ibindi. Yesu Kristu Umwami wabami amaze kuza, nawe yabariye intumwa ati Nzobagira abarivyi babantu. Nzobarungikira Mpwemu Yera. Nukuvuga igihe cose abana b’Imana bama bafise ico biteze kivuye ku Mana yacu. Umwami wacu Yesu Kristo amaze kuza, yatuzaniye ubutumwa bw’ubwami bw’Imana. Ngo abantu babohoke bave mu vyaha, bagukigwe mu mitima yabo no muvyabo. Mariko 1: 14-17, Mariko 2: 13-15, abantu bamukurikira ari benshi kuko ariwe yarafise ijambo ry,ubuzima. Bari bafise inyota y,ijambo ry’Imana, ariryo yababwira, akabigisha, rikabahindura positivement mu buzima bwabo, akabamara inyota , rigahindura imibereho yabo mu kameremere no mungeso zabo. Nico gituma yiyegereza abanyavyaha abatozakori ndetse n’abandi benshi, kuko yagenda abigisha ivy’ubwami bw’Imana. Luka 9: 10-17, Yohana 6: 5-14, Umwami Yesu Kristo yarababwiye ubutumwa gushika naho bwira, abantu bakaguma ari benshi kuko bari bazi ko ari Umwami akora. Imana iyishaka gukora iradukeneye, nico gituma yatugize aba partenaire bayo, kuko turazi kubona ibikenewe. Intumwa nizo zabwiye Umwami ziti burije turi mu gahinga rekura abantu bagende gufungura no gusaba indaro. Imana mukudukenera suko idashoboye gukora, ahubwo nuko yahisemwo kwiyerekana biciye mu buzima bwawe, bwabizera. Iyo udafise inyifato yo kwizera biragoyeko wakira ijambo ry’Imana. Ni vyiza rero kugira inyifato yabafise ico biteze kuko bafise Imana bizeye. Benshi baraba ivyo bafise canke uko bari kugirango babone nibirimbere Imana ishobora gukora. Niko Satani aca akabiba. Baribesha cane. Ntusubire kwiraba nintegenke zawe canke ivyufise vyose, ahubwo raba iyo Mana ishobora gukorera mu busa bwawe, ikahahindura isoko ribera abandi umugisha. Kura amaso kuvyo ufise nivy,ushoboye ahubwo uyashire kuvyo ashoboye. Intumwa zarbwiye Yesu Kristo ngo harumwana afise udufi 2 n’udukate 5. Arikowe babimuhaye arangamiza mw’ijuru arabihezagira aha abigishwa biwe babiha abantu ngo bafungure boose barahaga abagabo 5.000 abagore n’abana batarimwo. Hasigara ibisimbo 12. Ha igiciro ivyufise. Hama utange icufise Yesu agihezagire. Twebwe abizera Imana, idduhamagarira kuduhezagira no kubera umugisha abandi mungoro y’Imana nkuwo mwana yarafise utwo dukate. Nawe yacuye atahana ibivumvu 12. Yaragwirijwe ivyo yarafise yatanze. Nimba ushaka kubona Imana mubuzima bwawe, ba sensible muvy’ubwami bw’Imana. Gira umutima wo kugira neza mu ngoro y’Imana. Ibintu 5 bizogufasha kubona Imana mu buzima bwawe:

  • Kuba umuntu azi gushima ivyafise
  • Kumenyako mu buzima bwawe ivyifuzo vyawe bitazopfa biheze
  • Kurutisha Imana yawe ivyo ubona
  • Iga kugirira abandi neza.
  • Ntiwemere ngo umutima wokuronka ibintu ngo ukuganze.
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s