Ijambo ry’Imana rikurikirana n’ibitagaza: Kugwizwa 10.01.2015

Ubutumwa bwo ku wa 10.01.2015

Ijambo ry’Imana rikurikirana n’ibitagaza: Kugwizwa

Iyo wizeyeko ijambo ry’Imana rikurikirana n’ibitagaza uragwira. Kandi n’ivyawe vyose bizogwira. Uyu mwaka gwiza kurondera Imana kwawe, ufatane n’umwami wacu Yesu Kristo, umwereke ubuzima bwawe, urugo gwawe, akazi kawe, amashure yawe, agakiza kawe, ndetse ivyawe vyose, ntakabuza iyasezeranye niyo kwizegwa uzogwizwa mu buryo butandukanye. Kuko Imana niyo itunezereza mu bugingo bwacu. N’Imana idakoza isoni. Niyo iduha ibihe vyiza vyo gushima ibikogwa ikora. Kandi abavyiteze bose bakaba muri Yo barabibona. Nico gituma itubwira ngo niwizera urabona ubwiza bw’Imana. Kuko ibitangaza bikurikirana nuko twizeye iryo jambo yavuze, hama tukabibona. 1Abami 17: 8-16. Umukozi w’Imana Eliya yumviye Imana aho imutumye kandi ico yabariwe arakibona. Uwo mupfakazi nawe naho atakintu yarasigaranye atari agafu gake cane bari kwirira n’umwana wiwe bakipfira nkuko yavuze, ariko yumviye Imana muco umukozi w’Imana amubwiye, arabikora, Imana iramugwiriza, aronka ibimutunga n’abiwe bose murugo, ndetse nuwo mukozi w’Imana. Imana irabagwiriza nkuko yasezeranye, irabikora. Ikigoyi nticegereye urugo gwiwe, kuko yumviye agakora kandi akizera. 1Abami 19: 4-18. Umuvugishwa n’Imana Eliya hageze igihe abona ko ubuzima bwiwe bukwiye guhagararira ngaho, ariko, ariko niho Imana yamugwirije, kuko yarafitaniye ubucuti bwiza n’Imana, yaririnda kandi agakora ic’Imana imutegetse. Yamucishirije aho atiyumvira na gato, ati subira kujana inzira wazananye, ugende kwimika abazokwica abami baguhiga. Kandi yimika nuzomusubirira mu gishingo. Hamwe nivyo nkuko atiyanduza yubaha Imana cane, imubwira ko igiye no kwisigariza abantu 7.000 batazunamira bayari kandi batazokwanduza impuzu zabo. Mwene data hagarara neza , kosora ibitari vyiza woba waragendeyemwo canke ahutagize imigenderanire myiza n’Imana yawe. Yo haraho yiteze kukugeza no kuguhezagira. Ntakindi iraba atar’imitima ikunze Imana kandi iciye bugufi. Luka 7: 36-50. Uwo mugore w’umunyavyaha ntakindi yakoze atari ukwerekana uguca bugufi gukomeye imbere y’Umwami Yesu Kristo ndetse n’urukundo yamukunze, arihana ahindura imyitwarire yiwe, yubaha Imana, avyerekana mu bikogwa na We aramuharira kubwo kumwizera. Agwizwa muguhabwa ubugingo budashira. Nta handi dushobora kugwirizwa no kwamirira imbuto zukuri atari muri Yesu Kristo. Yohana 15: 1-8. Kuko ufise ico witeze hindura imyitwarire yawe atari myiza imbere y’Imana. Ugire ubucuti bwiza n’Imana. Nimba naho aramahoro, komeza kugwiza ubucuti na Yesu wawe nawe azokugwiza muri vyose, udasize ko azoguha ingabire nziza zokumukorera no kwagura ubwami bw’Imana.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s