Message y’umwaka wa 2015: Imana isezeranira abantu bayo : KUBAGWIZA NO KUBAHEZAGIRA

Mercredi le 31.12.2015

 

Message y’umwaka wa 2015: Imana isezeranira abantu bayo :

KUBAGWIZA NO KUBAHEZAGIRA

Iy’Imana inezererewe abantu bayo, irabishimira kandi ikabashirako umutima wayo. Igaca ibaha amasezerano arangwa n’umutima w’urukundo ibafitiye, ikababwira ivyo izobakorera kandi ikabishitsa iyo bagendeye imbere yayo bitonze. Nabatavyumva canke batabimenye , iyo Imana ikoze, bakamenyako abo bantu bafise Imana nyakuri. Yesaya 54: 1-10. Imana idusezeranira kudukurako ubugumba n’umugayo umuntu yagize mubupfakazi bwiwe. Iy’Imana iguhaye amasezerano kubwo kuyubaha kwawe, ishobora kugucira inzira aho nawe utazi kandi ikanakugeza ahutavyiteze. Kuko n’Imana imenya umuntu, ikamenya nivyo igirira abasavyi bayo. Ic’igushakako nuko uhagararana na Yo, kugirango igucire inzira y’imigisha yawe. Haba mukuronka akazi, ishobora kwugurura imiryango yo kukabona, haba mukindi cose wasavye Imana ariko utarabona, n’Imana ivuga kandi ikabishitsa. Haba mugukura mugakiza ndetse no kwongegwa amavuta mukuyikorera, vyose niyo ibikora. Kuko ishobora no kugukorera ivy’utigeze wibaza. Kuko igiye kwagurira abantu bayo, no kubahezagira. Kumbure satani ashobora kukubwira ati n’amasengesho yawe ntashika canke vyararangiye, ariko Irakubwira ngo yakwibutse. Nigihe co guhozwa amarira. Itangur. 40:23. Itangur.41: 14 & 37-41. Naho abana b’abantu bokwibagira, Imana yo ntizokwigera ikwibagira kuko uruwayo. Kandi igufiseko imigambi. Yosefu Imana ntiyamwibagiwe, kandi yahagaze neza, ntiyiyanduje mu gihugu c’Abaheburayo canke mu gihugu ca Egiputa. Imana nayo irashitsa amasezerano yayo kuri we, irashitsa ico yavuze. Menya nezako Imana dusenga atawuyihagarara imbere, nico gituma ije arinyishu mu buzima bwawe, ni washikama ukizera, ukagendera imbere yayo witonze.

2Ngoma 20: 3-24 Imana yahaye Yehoshafati impore kumpande zose, kuko amaze kwumva igitero, yaciye aca bugufi n’ibihugu vyiwe, basenga Imana bakobeje, kandi Imana ica kumuvugishwa wayo irabahumuriza ngo ntibatinye iryo sinzi ry’ingabo rije kubatera, kuko intambara atari iyabo ariko ariy’Imana. Ariko baramanutse baratonda urugamba nkuko Imana yababariye, ntibaciye biyicarira gusa, barakoze ic’Imana yavuze. Bashira imbere abaririmvyi bashajishije ukwera. Nayo ibagwanirira izontabara ibaha impore, Imuha umuteka ku mpande zose. Nawe mwene Data shikama urondere Imana, ugendere imbere yayo witonze, Nayo iriteguye kugukuza, kukugwiza no kuguha imigisha ku mpande zose. Igiye kutugarurira ivyo Satani yatunyaze. Tugiye kwimbura ivyo tutimbuye. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s