Kugwiza : Multiplication 03.01.2015

Ubutumwa bwo ku wa 03/01/2015

Kugwiza : Multiplication

Iy’Imana ivuze ngo n’umwaka wo kutugwiza, habaharimwo ibintu vyinshi: kurondoka, gukuzwa, kuduzwa, gukiza, guhezagira, kubohora, kwongegwa amavuta mugukorera Imana, eka ndetse imigisha myinshi iba igiye kutubako ikadushitsa kurundi rugezo.

#Nukuvugako abafise amasezerano tubaho dufise ico twiteze. Tugaca dukomeza relation nziza n’Imana yacu, ubukwe n’ubusabana na Yesu Kristo bigahimbara umutima w’Imana. Nico gituma dufise amasezerano ku Mana, kenshi abantu bakunda kwifuta gushika kuco bashaka, canke basengeye. Bagaca batangura kwicira inzira atarizo Imana yaduteguriye, ariko inyishu ziciye munzira itari mu bushake bw’Imana bidutera umubabaro n’ukwidoga mu buzima bwacu, ndetse kenshi bigatuma tubaho nabi. Itanguriro 16: 1-16 Sarayi yarihuse, vyanka kwarindira umugambi w’Imana kuri we, we abona kw’Imana yamwimye ivyara, ariko siko vyari biri, igihe c’Imana nticari bwagere. Ariko ico yakoze muguha Aburamu incoreke yiwe, ntamahoro canke umunezero vyamuhaye, ahubwo vyamuteye umubabaro n’umwidogo. Itang. 17: 1-7 Imana yiyeretse Aburahamu ndetse imuhindura n’izina iramubwirako ar’Imana ishobora vyose, kandi kwizomugira sekuruza w’amahanga menshi kandi kuruvyaro ruzokomoka kuri Sarayi umugore wiwe bwite. Kugwira n’itegeko Imana yasizeho. Kandi sugupfa kugwira , kuko Imana yacu ikorera kurutonde, no m’ukuri. Imana ishiramwo indoto abantu bayo kugirango igihe kigeze iziyishitse. Ivyak n’intum 7: 22-27. Mose yarafise vision kwariwe Imana izokirisha abiwabo bari muri Egiputa, agiye kubangurukanya abariko baragwana, uwasomborokeje uwundi aramwiyama amubwira nabi cane, Mose agira ubwoba arahunga. Ariko nuko igihe c’Imana kitari bwagere kuko kimaze gushika koko niwe Imana yakirishije ab’Isirayeli mukubakura muri Egiputa.Tumenye kurindira isaha y’Imana kuko iyo ishitse biragenda neza kandi bikaduha umunezero mwinshi n’amahoro. Menya kwihangana no kwubakira ubuzima bwawe ku c’Imana yavuze, ku masezerano yawe. Tureke gu controla umwanya w’Imana ningene izobigenza ndetse no kuyicira inzira, umuntu akakira copie yinyishu yiwe kandi Imana yacu itanga original. Igihe c’Imana kigeze aburahamu avyara Isaka kuri Sara wiwe. Iyo umuntu a falicifie umugisha aguma mu mubabaro ndetse ukanongerekana, hakaguma umwidogo n’umwikomo.         Itang. 32: 26-29, Yakobo yivye umugisha Esau, ahezagigwa mu kibanza ciwe. Naho Imana yari yarabariye se Isaka ati Bukuru azoshumbira Butoyi, igihe c’Imana nticari bwagere. Niho Esau yagomvye kwica Yakobo kuko amwivye umugisha. Bituma Yakobo ahunga mukuruwe. Ariko igihe yanigana n’Umumalayika w’Imana ahungurutse atashe. Uwo mu Malayika yaramuhezagiye kandi umugisha umubako, umuhezagiro uramufata. Kuko carigihe c’Imana. Rero kubw’urukundo gwinshi Imana ikunda abantu bayo, nukw’imana igumana n’abo yatoranije naho bagerageza kwigwanirira no kwicira inzira, ikaguma ibagirira neza aho bari hose, ariko menyako harico Imana iba yaraguteguriye ikeneye kugukorera kuko wihanganye kandi ukizera, ukagendera mw’ijambo ryayo witonze, nayo ikaza ikakugwiza, ikaguhezagira. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s