Kwubaha Imana 20.12.2014

Ubutumwa bwo ku wa 20.12.2014
Kwubaha Imana
Umwami Imana arashaka kom u bantu bayo habamwo kuyubaha gukomeye, kuko iy’umuntu yubaha Imana agendera mu bugombe bwayo. Kandi Ijambo ry’Imana rikatubwira ko kwubaha Uhoraho ariryo tanguriro ry’ubwenge, Zaburi 111: 10, Nkuko Umwami wacu Yesu Kristo nawe yatubereye akarorero, akagenda atwereka ingene yubaha Data wa Twese, muvyo yakora vyose yaca bugufi imbere ya Se, akabanza kumushima. Yohana 11:41-42 Mpwemu Yera nawe agakomeza kumumanukirako, agakora ibitangaza, akamuha ninkomezi. Kubwo kuyubaha kwiye niho yatsindiye wa mubi, agashikirizwa vyose na Se. We ntacaha yarafise, ariko twebwe, kwubaha Imana kwacu, bituma tugira ubwenge bwo muri Mpwemu, tukareka icaha. Ndetse tukanamenya nokubaho mubuzima bwose, bwo mugakiza ndetse no mubuzima bwo muriy’isi tubamwo. Imigani 1: 7; Yobu 28:28. Iy’umuntu adatahura neza canke agikomantaje umutima wiwe ngo ntiyemere ijambo ry’Imana rimuhindure, bituma icaha kibana nawe, agakora ivy’ubupfu, ukwubaha Imana bikaba kure yiwe. Kuko kumenya Imana no kuyubaha biratandukanye cane. Kuko mu mahanga yooose, iy’umuntu yubaha Imana iramwemera kandi Malayika w’Imana akabana nawe. Akagenda aramurokora muvyacamwo vyose. Zaburi 33:18-19 Kandi ijisho ry’Uhoraho rikamuhorako. Mugihe caba Daniel, Shaduraka, Meshaki na Abedunego, ntakindi catumye Imana ibarokora ataruko bayubaha, bigatuma batemera kwihumanya muvyo bategetswe n’abana babantu kuko bari bazi Imana bakwiye kwunamira no gusenga. Bari bafise ugutahura n’ubwenge bukwiye buvuye ku Mana yo mw’ijuru, bituma hako biyanduza bemera guheba ubuzima bwabo kubwo kuyubaha. Nico catumye nayo, ibashingira Intahe, kandi baranayimenyekanisha. Zaburi 34: 7-18 Iy’umuntu afise kwubaha Uhoraho muri we, ugusenga kwiwe gushika imbere y’Imana, kuko Uhoraho yumva ugutakamba kwabo. Kandi abamwubaha ntibagira iciza bakena, ariko abanyavyaha igitsure c’Uhoraho kiri kuri bo, gwahenebereze ukwibukwa kwabo mw’isi. Reka nkuko twacunguwe n’Umwami wacu Yesu Kristo, tubeho mu buzima bwokumwubaha cane, tumuheshe icubahiri aho turi hose, muncuti, mu bagenzi, mukazi ndetse na canecane no mungo zacu kugirango aze yame adutabara mugihe gikwiye, kuko ar’Imana idahinduka yatabara ba sokuruza batwitngiye imbere kandi natwe niko adutabara. Ikigeretseko tukazoronka ubugingo budashira. Umugwanizi ariba abantu, ntibagendere mubuzima bwo kwubaha Imana, ariko menya nezako umutima wubaha Imana, umenetse kandi ujanjaguritse nkuko Dawidi yatubereye akarorero nawe, niwo unezereza Imana. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s