Yesu Kristo yaje ngo tumwumvire kandi tumwizere. 13.12.2014

Message du 13.12.2014.
Yesu Kristo yaje ngo tumwumvire kandi tumwizere.
Luka 4: 16-21. Yesu Kristo yinjeye mu rushengero. Bamuhereza ijambo ry’Imana ngo abigishe, azingurura ku muvugishwa n’Imana Yesaya. Arasoma ahanditsweko Mpwemu kubohora abanywagutse imitima. Arababwira ativyo vyanditswe birashitse uyu musi. Yagiye yerekana cane kw’Imana irikumwe nawe. Kandiko abamwumvira bose bakanamwizera babona ubwiza bw’Imana. Nkuko yahamagaye Razaro amaze imisi ine mumva yarapfuye agasubiramwo impwemu zabazima akazuka, urupfu rwaramwumviye, abadayimoni baramwumvira, ibiyaga biramwumvira, ibihuhusi biramwumvira, natwe twaremwe yaje gucungura akazanira ubutumwa bwiza dukwiye kumwumvira cane kugirango turonke ubugingo budashira. Yohani 11: 39-44. Kugirango Razaro azuke yabanje kubabwira bakurako ikibuye cari kumva. Yarigushobora kumuzura batarinze gukurako ikibuye kumva, ariko yashatse ko babanza kwerekana ukwumvira kandi bakizera. Nico gituma yabariye Marita ati sinakubwiye nti niwizera urabona ubwiza bw’Imana. Ishengero ryose ryaciye rimwizera rimushingira. Yohani 12: 17-19, Arikw’Abafarisayo birabababaza kuko ishengero ryose rimukurikiye. Yohani 15: 14-15 akomeza kuvuga ati urabakunzi banje nimwakora ivyo mbagera. Kandi abamwumvira bose abita abakunzi biwe. Kandi kumwumvira niko kugira ubwenge kuko tuba twubakiye kuri we. Matayo 7: 24-29. Niho agakiza kacu gakomera ntikanyiganyige ntigahungabanywe nicarico cose, kandi miko kugira ubwenge bushitse. Luka 7: 1-10, Umugabisha w’abasoda ijana, yamutumyeko ngwaje kumukiriza umushumba, ariko akirinyuma yurugo, uwomugabisha yerekana ukwizera kwiwe guhagaze kw’ijambo rya Yesu Kristo, amutumako ngwavuge rimwe gusa umuhungu wiwe arakira, Yesu Kristo biramutangaza cane kuko ntiyar’umw’Isirayeli. Nkuko yizeye mukwumvirakwiwe ko yanduye Umwami Imana atoza murugo rwiwe, umuhungu arakira. Luka 17: 12-19, abanyamibembe 10, yakijije akabarungika kwiyereka abigishwa, ariko umwe niwe yagarutse gushima, aramwiyereka, biramutangaza cane, kuko yarumunyanga. Nawe aramubwira atukwizera kwawe kuragukijeje. Abaheb.5: 5-10, Yesu Kristo nawe ubwiwe yarumvira kandi kandi yigishwa ivyo yababajwe, yahawe ubuherezi bw’ibihe bidashira, abera abamwumvira bose inyanduruko yagakiza kadashira. Abah.2: 17-18 Kandi yageragejwe mu buryo bukomeye, Nico gituma ashobora no gutabara abageragezwa bose bizeye. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s