Ubutumwa bwo ku wa 06/12/2014
Menya ko Watoranijwe n’Imana kandi warabohowe
Iy’Imana igutoranije, iba igufiseko imigambi myiza cane. Haba hari intumbero nziza igufiseko mu buzima bwawe no mubikogwa vyayo yaguteguriye. Kugirango ize iherebwe icubahiro muri wewe. Kuko ivyushobora gucamwo vyose, naho abantu boguheba canke bakakwibagigwa, bikanashika bakanaguhemukira. Naho wa mwnsi wacu ariwe wamubi yoguhagurukira kugutera muburyo butandukanye. Kuko haricuri imbere y’Imana, yo ntizoguhemukira kandi ntizoguta, ndetse ivyo vyose izoza ibigukize, ikwiyereke mu buryo butangaje. Yagutoranije ngo muri wewe bahaherebwe imigisha kandi ihashingirigwe intahe n’amashimwe. Muri wewe bamenyeko iriko kandi yama igirira neza abayubaha bakagendera imbere yabo baciye bugufi kandi bizeye ububasha bwayo n’ubushobozi bwayo. Kandi kuko uruwayo ibana nawe muvyucamwo vyose. Itanguriro 40 : 13-15 Yosefu yaciye mubigeragezo bikomeye cane naho yari yiyetswe n’Imana. Ariyo yamutoranije, ariko agiriye neza umukevyi kwa Farawo mugihe barikumwe mw’ibohero akamusobanurira inzozi ziwe. Aramubwira ati rero ndakwingize uzumvugire kwa Farawo niyo wasubira mu gikogwa cawe. Ariko uwo mwana w’umuntu ntiyashoboye ku mwibuka. Ariko Imana yo yamutoranije niyo yamwibutse, imicira inzira, igenderera Farawo mundoto, wamukevyi yibuka ivyaha vyiwe, yibukako ata munyabwenge yoshobora kubwira Farawo ivyizo ndoto atari Yosefu wenyene kuko nawe ariwe yamuhishuriye iziwe. Itang. 41 : 37-42 Bituma Imana igenda iramukuriza muri Egiputa, Farawo abona kwatamunyabwenge n’umwe ahwanye na Yosefu, arimwo Impwemu y’Imana. Amuha kuganza igihugu cose ciwe. Uwamuruta yari Farawo wenyene mugihugu cose. Icatumye ivyo vyose biba nuko Yosefu atiyanduje ngo akore icaha na kimwe, ngwacumure ku Mana yiwe yamutoranije canke ku bantu. Ntakindi gituma Imana ihumugongo abantu bayo atarivyaha. Nayo ingorane n’ibibazo ducamwo ahubwo bidutuma dukomera mukwizera tugahingugwa gose muguhagarara twiteze isezerano ry’Imana ko ridushikako. Kandi iyo wanse kwiyanduza muvyaha bitandukanye bituma Imana ibana nawe murivyo vyose ikagukomeza ndetse ikanagutabara. Itang.46 : 1-4, Itang. 47: 7-11 Naho Isirayeli yagize ibibazo vyinshi mukubaho kwiye, yagumye yizeye Imana ya se na Sekuru. Ahagarara neza mumasezerano, bituma igihe agiye muri Egiputa Farawo na Yosefu umuhungu wiwe bamutumyeko, ari munzira atanga ibimazi ashimira Imana nayo iraheza iraza iramwiyereka ivugana nawe : iti ntutinye kumanuka muri Egiputa, iramubwira kwariho izomuhera umugisha, ikamuhindura ihanga rikomeye. Nico gituma Imana yo mw’ijuru igomba tubeho nkababohowe, dukure ivyaha vyose mu mitima yacu, kugirango turongogwe na Mpwemu Yera Yesu Kristo yaturungikiye. Kuko iyo umuntu abigumyemwo naho aba yitwa uwacunguwe, mugihe c’umugisha ahabwa ibihwanye nivyo afise muriwe. Itang 49: 3-7 Reyubeni, Simiyoni na Lewi naho barabahungu ba Isirayeli, kubwivyaha vyabo ningeso mbi zabo batigeze biyambura ngo baheshe Imana yabo icubahiro, vyatumye aho se kubaraga umugisha batwara imivumo. 2 Ab’iKornto 3: 17, Rom 8: 17-18 Nico gituma Umwami wacu Yesu Kristo yaje kutubohora kugirango tugire umwidegemvyo muri we, twuzuye Mpwemu w’Imana. Twiyambure ibituboha vyose, bikatubuza umwidegevyo wukuri uva ku Mwami wacu Yesu Kristo. Dutegekwe n’ijambo ry’Imana kandi turongogwe naryo Niho tuzoshikira amasezerano yacu kandi tubayeho duhimbara Imana. Amen.
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories