Menya ko Watoranijwe n’Imana kandi warabohowe 06.12.2014

Ubutumwa bwo ku wa 06/12/2014
Menya ko Watoranijwe n’Imana kandi warabohowe
Iy’Imana igutoranije, iba igufiseko imigambi myiza cane. Haba hari intumbero nziza igufiseko mu buzima bwawe no mubikogwa vyayo yaguteguriye. Kugirango ize iherebwe icubahiro muri wewe. Kuko ivyushobora gucamwo vyose, naho abantu boguheba canke bakakwibagigwa, bikanashika bakanaguhemukira. Naho wa mwnsi wacu ariwe wamubi yoguhagurukira kugutera muburyo butandukanye. Kuko haricuri imbere y’Imana, yo ntizoguhemukira kandi ntizoguta, ndetse ivyo vyose izoza ibigukize, ikwiyereke mu buryo butangaje. Yagutoranije ngo muri wewe bahaherebwe imigisha kandi ihashingirigwe intahe n’amashimwe. Muri wewe bamenyeko iriko kandi yama igirira neza abayubaha bakagendera imbere yabo baciye bugufi kandi bizeye ububasha bwayo n’ubushobozi bwayo. Kandi kuko uruwayo ibana nawe muvyucamwo vyose. Itanguriro 40 : 13-15 Yosefu yaciye mubigeragezo bikomeye cane naho yari yiyetswe n’Imana. Ariyo yamutoranije, ariko agiriye neza umukevyi kwa Farawo mugihe barikumwe mw’ibohero akamusobanurira inzozi ziwe. Aramubwira ati rero ndakwingize uzumvugire kwa Farawo niyo wasubira mu gikogwa cawe. Ariko uwo mwana w’umuntu ntiyashoboye ku mwibuka. Ariko Imana yo yamutoranije niyo yamwibutse, imicira inzira, igenderera Farawo mundoto, wamukevyi yibuka ivyaha vyiwe, yibukako ata munyabwenge yoshobora kubwira Farawo ivyizo ndoto atari Yosefu wenyene kuko nawe ariwe yamuhishuriye iziwe. Itang. 41 : 37-42 Bituma Imana igenda iramukuriza muri Egiputa, Farawo abona kwatamunyabwenge n’umwe ahwanye na Yosefu, arimwo Impwemu y’Imana. Amuha kuganza igihugu cose ciwe. Uwamuruta yari Farawo wenyene mugihugu cose. Icatumye ivyo vyose biba nuko Yosefu atiyanduje ngo akore icaha na kimwe, ngwacumure ku Mana yiwe yamutoranije canke ku bantu. Ntakindi gituma Imana ihumugongo abantu bayo atarivyaha. Nayo ingorane n’ibibazo ducamwo ahubwo bidutuma dukomera mukwizera tugahingugwa gose muguhagarara twiteze isezerano ry’Imana ko ridushikako. Kandi iyo wanse kwiyanduza muvyaha bitandukanye bituma Imana ibana nawe murivyo vyose ikagukomeza ndetse ikanagutabara. Itang.46 : 1-4, Itang. 47: 7-11 Naho Isirayeli yagize ibibazo vyinshi mukubaho kwiye, yagumye yizeye Imana ya se na Sekuru. Ahagarara neza mumasezerano, bituma igihe agiye muri Egiputa Farawo na Yosefu umuhungu wiwe bamutumyeko, ari munzira atanga ibimazi ashimira Imana nayo iraheza iraza iramwiyereka ivugana nawe : iti ntutinye kumanuka muri Egiputa, iramubwira kwariho izomuhera umugisha, ikamuhindura ihanga rikomeye. Nico gituma Imana yo mw’ijuru igomba tubeho nkababohowe, dukure ivyaha vyose mu mitima yacu, kugirango turongogwe na Mpwemu Yera Yesu Kristo yaturungikiye. Kuko iyo umuntu abigumyemwo naho aba yitwa uwacunguwe, mugihe c’umugisha ahabwa ibihwanye nivyo afise muriwe. Itang 49: 3-7 Reyubeni, Simiyoni na Lewi naho barabahungu ba Isirayeli, kubwivyaha vyabo ningeso mbi zabo batigeze biyambura ngo baheshe Imana yabo icubahiro, vyatumye aho se kubaraga umugisha batwara imivumo. 2 Ab’iKornto 3: 17, Rom 8: 17-18 Nico gituma Umwami wacu Yesu Kristo yaje kutubohora kugirango tugire umwidegemvyo muri we, twuzuye Mpwemu w’Imana. Twiyambure ibituboha vyose, bikatubuza umwidegevyo wukuri uva ku Mwami wacu Yesu Kristo. Dutegekwe n’ijambo ry’Imana kandi turongogwe naryo Niho tuzoshikira amasezerano yacu kandi tubayeho duhimbara Imana. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s