Imana ntihemukira abayirondera 22.11.2014

Ubutumwa bwa 22.11.2014
Imana ntihemukira abayirondera
Iy’Imana yagutoranije, ugaheza ukagendera mu nzira zayo, nta na 1 ishobora kuguhemukira canke ngo ikwibagire. Iyo utsitaye canke ugatirigana, kuko ata muntu adacumura, ariko ukamugarukako n’umutima wawe wose, nayo irigarura ikakugirira ikigongwe ndetse ikanaguhezagira, amasezerano yawe akagushikako. Yosuwa 4: 14. Imana yabariye Yosuwa kwigira itangure ku mukuza, kuko yakurikije ivy’umusavyi w’Imana Mose yamubariye vyose, kandi n’Imana ubwayo yivuganira na we. Arabikurikiza. Bituma Imana ibana nawe iramuhezagira amasezerano y’ukwizobana nawe nugushikana ab’Isirayeli i Kanani vyose arabishikako. Igikenewe n’iki? – Nuko wubaha Imana mu buzima bwawe. – Nuko wishimirako inzira zawe zigororokeye Imana. Ukagenda wimenyereza kwubaha Imana kuko nivyo bigira ikimazi kuri vyose. Haba mu buzima bwubu canke buzoza.
1Timote 4: 7-10 Iyo inzira zawe zihimbara Imana. Naho woca mu bikomeye, ukamanyagurika kubw’umubiri wambaye, ariko umutima wawe ukaguma uhanze amaso ku Mana. Iraza ikagutabara, ikaguhezagiza ubwiza bwayo kuko umutima wawe ariyo urondera ukanayizera. Igihe Mose yahunga ava kwa Farawo, yagize kuvunika gukomeye, mukuva i bwami akaja kuba umwungere w’Intama. Aburahamu aja gushikana Isaka ku gicaniro yagize ukumanyagurika gukomeye mumutima wiwe, ariko yari yizeye Imana. Daniyeli ateregwa mu rwobo rw’intambwe, yaramanyaguritse bikomeye, ariko umutima wiwe ntiwavuye ku Mana. Yosefu atabwa mu gishimu, yongera adandazwa muri Egiputa yaramanyaguritse bikomeye, ariko ntiyatirimutse kuc’Imana yavuze. Na Yesu Kristo ubwiwe yaciye mukumanyagurika gukomeye ku musalaba i Gologota, ariko havuye agakiza ka twese abizera. Amen.
Abo bose bakorewe ibikomeye ndetse nivyo batari biteze kuko imitima yabo yarondera Imana vy’ukuri. Niyo igabira umuntu wese uko igomba. Yeremiye 27 : 4-6. Naho woca mu kumanyagurika, guma mw’ijambo ry’Imana urigire iryawe, ntakizohindura ico wavuganye n’Imana, vyose uzobibona ndetse nivyo utari witeze, kuko uyinezera mumutima wayo, izogukorera nivyutigeze kwiyumvira kuko igufitiye imigambi myiza. Yerem 29 : 4-14. Abo b’Isirayeli Imana yatumye bajanwa arinyagano, kuko yaribafitiye imigambi myiza. Bo bari bibajije mu mitima yabo kandi ndetse amaso yabo niko yanabibona, ko bajanywe arabanyagano, ariko ya Mana nziza ibakurikiza amasezerano, ngo bavyare barondoke. Yagiye kubagwiriza mumahanga birukaniwemwo kubw’imigambi yaribafitiye.
Daniel 9 : 1-7 & Daniel 10: 10-19 Daniel yasengeye ubwoko bwabo, kuko yasomye muvyagezwe abona ingene ubwoko bwabo bwacumuye ku Mana, aratakamba aringinga Imana yisonzesheje, yambaye amagunira. Imana irungika Abamalayika kumutabara bamuzanira inyishu n’insiguro yivyo yeretswe, bituma Imana ibaharira isubira kwubaka Yerusalemu. Nico gituma mwene Data, Imana yacu iraguhumuriza cane, ngo wewe, umurondera n’umutima wawe wose, Rema ntutinye, komera ntucike intege, ntubone ivy’uriko uracamwo bikomeye, yo yamanukanywe no kugutabara. Hagarara mukibanza cawe neza, ntikwibagira, ntizoguta kandi ntizoguheba canke ngwiguhemukire. Ihumure niryawe. Yesaya 35: 3-4 Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s