Kugira umutima urondera Imana 15.11.2014

Message du 15.11.2014
Kugira umutima urondera Imana
Iyo umuntu afise umutima wo kurondera Imana muvy’ukuri, Imana nayo iramukunda kandi ikamunezereregwa. Ikamushoboza kwihangana ndetse ikamugirira neza. Gucurin. 3 : 25-26. Benuwo mutima urondera Imana ntishobora kuwuhemukira nkuko idahemuka na rimwe. Nico gituma itubwira iti tumenye neza Imana dukurikira kandi dusenga iyariyo. Nigihe cose itugirira neza, ikadutabara ndetse ikanatwiyereka mu bikomeye. Ikaduha amaso yo kubona neza ububasha bwayo n’ubushobozi bwayo. Ariko amalori iduha yo kubona ibikogwa vyayo bitangaje idukorera bamwe bamwe bakayiyambura, bagatangura kwiheba no gukekeranya kububasha bwayo, ndetse abandi bagahindukirira nyivyaha bishavuza Imana, abandi nabo bakanabivamwo. Nico gituma dukwiye kumenya neza Izina ry’Uhoraho yashikirije vyose Umwana wayo Yesu Kristo , kwariyo Mana idahemukira abayirondera bakayizigira ubudasiba. Zaburi 9:10. Iy’umuntu arondera izina ry’Uhoraho, ariyeza, akagororokera Imana kuko idakorana n’imitima yanduye. Nehemiya 9:7-8 Imana yahamagaye Aburahamu kubwumutima yarafise wo kuyirondera no kuyizera, iramwihishurira kandi igendana nawe, urukundo rwayo ruramukikuza ku mpande zose. Imumenyesha izina ryayo. Ntakindikintu na 1 Imana idusaba atarukuyirondeza imitima yacu yose. Kuko iyo bimeze bityo dushobora no gushitsa ico ijambo ry’Imana rivuga. Harico tutazi ikaza ikatwiyigishiriza canke ikagendera abakozi bayo bakaza kutumenyesha ukuri kubwa Mpwemu Yera abakoreramwo. Ivyak n’Intum. 10 : 1-48. Koruneliyo yubaha Imana cane akayirondera kandi akayikorera, akayitinyana nabo murugo gwiwe bose. Ariko yarakiri mw’idini, ntiyari bwatahukigwe neza ivya Yesu Kristo. Ariko Imana yaramugendereye imurungikira umukozi wayo Petero, agira gutabagwa, amenya ukuri n’umuryango wiwe wose, n’abagenzi biwe n’incuti zo ku mutima. Bagira umugisha kubwa Koruneliyo. Nawe mwene Data niwugurura umutima wawe mukurondera Imana vy’ukuri uzobera umugisha benshi kandi uzohezagigwa. Na Petero yakorera Imana cane, ariko harico atari bwasobanukigwe, yukw’Imana idatoranya ku butoni, kandi atamuntu twokwita ikizira, ariko uyubaha wese akayikorera iramwemera. Ivyak.n’Int. 15: 6-9 N’abanyamahanga bafise imitima irondera Imana kandi iyemeye bahabwa Mpwemu Yera. Noho vyba bimwe bavuga ngo vyacitse, wewe komeza kurondera Imana yawe, uyizere udakekeranya muvyo ushobora gucamwo vyose, izogutabara kandi iguhe n’ivyizigiro vyo mwiherezo ryawe. Yeremiya 31 : 14-17 Uwo muvyeyi Rakeli yari yarabuze abahungu biwe bose, ariko naho atari yorohewe, umutima wiwe wakomeje kurondera Imana ayikorera ku murango no mwijoro, mumubabaro mwinsho namaborongo menshi kuko yarababaye cane, ariko Imana yaramutabaye, iramuzurira abana bose, yongera imuha ivyizigiro vyo mwiherezo ryacu. Mwene Data menya ivyushobora gucamwo vyose, intumbero nyamukuru yawa mubi nuko uheza nazi, uva ku Mana yukuri ugahindukirira ibitarivyo canke ukiheba, ariko, omeka umutima wawe kuwa Yesu Kristo we yanesheje urugamba, azogutabara, agutsindanishirize muri vyose, kandi aguhe n’iherezo ryiza. Uzubane nawe ubutagisubira kubabara. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s