Message du 15.11.2014
Kugira umutima urondera Imana
Iyo umuntu afise umutima wo kurondera Imana muvy’ukuri, Imana nayo iramukunda kandi ikamunezereregwa. Ikamushoboza kwihangana ndetse ikamugirira neza. Gucurin. 3 : 25-26. Benuwo mutima urondera Imana ntishobora kuwuhemukira nkuko idahemuka na rimwe. Nico gituma itubwira iti tumenye neza Imana dukurikira kandi dusenga iyariyo. Nigihe cose itugirira neza, ikadutabara ndetse ikanatwiyereka mu bikomeye. Ikaduha amaso yo kubona neza ububasha bwayo n’ubushobozi bwayo. Ariko amalori iduha yo kubona ibikogwa vyayo bitangaje idukorera bamwe bamwe bakayiyambura, bagatangura kwiheba no gukekeranya kububasha bwayo, ndetse abandi bagahindukirira nyivyaha bishavuza Imana, abandi nabo bakanabivamwo. Nico gituma dukwiye kumenya neza Izina ry’Uhoraho yashikirije vyose Umwana wayo Yesu Kristo , kwariyo Mana idahemukira abayirondera bakayizigira ubudasiba. Zaburi 9:10. Iy’umuntu arondera izina ry’Uhoraho, ariyeza, akagororokera Imana kuko idakorana n’imitima yanduye. Nehemiya 9:7-8 Imana yahamagaye Aburahamu kubwumutima yarafise wo kuyirondera no kuyizera, iramwihishurira kandi igendana nawe, urukundo rwayo ruramukikuza ku mpande zose. Imumenyesha izina ryayo. Ntakindikintu na 1 Imana idusaba atarukuyirondeza imitima yacu yose. Kuko iyo bimeze bityo dushobora no gushitsa ico ijambo ry’Imana rivuga. Harico tutazi ikaza ikatwiyigishiriza canke ikagendera abakozi bayo bakaza kutumenyesha ukuri kubwa Mpwemu Yera abakoreramwo. Ivyak n’Intum. 10 : 1-48. Koruneliyo yubaha Imana cane akayirondera kandi akayikorera, akayitinyana nabo murugo gwiwe bose. Ariko yarakiri mw’idini, ntiyari bwatahukigwe neza ivya Yesu Kristo. Ariko Imana yaramugendereye imurungikira umukozi wayo Petero, agira gutabagwa, amenya ukuri n’umuryango wiwe wose, n’abagenzi biwe n’incuti zo ku mutima. Bagira umugisha kubwa Koruneliyo. Nawe mwene Data niwugurura umutima wawe mukurondera Imana vy’ukuri uzobera umugisha benshi kandi uzohezagigwa. Na Petero yakorera Imana cane, ariko harico atari bwasobanukigwe, yukw’Imana idatoranya ku butoni, kandi atamuntu twokwita ikizira, ariko uyubaha wese akayikorera iramwemera. Ivyak.n’Int. 15: 6-9 N’abanyamahanga bafise imitima irondera Imana kandi iyemeye bahabwa Mpwemu Yera. Noho vyba bimwe bavuga ngo vyacitse, wewe komeza kurondera Imana yawe, uyizere udakekeranya muvyo ushobora gucamwo vyose, izogutabara kandi iguhe n’ivyizigiro vyo mwiherezo ryawe. Yeremiya 31 : 14-17 Uwo muvyeyi Rakeli yari yarabuze abahungu biwe bose, ariko naho atari yorohewe, umutima wiwe wakomeje kurondera Imana ayikorera ku murango no mwijoro, mumubabaro mwinsho namaborongo menshi kuko yarababaye cane, ariko Imana yaramutabaye, iramuzurira abana bose, yongera imuha ivyizigiro vyo mwiherezo ryacu. Mwene Data menya ivyushobora gucamwo vyose, intumbero nyamukuru yawa mubi nuko uheza nazi, uva ku Mana yukuri ugahindukirira ibitarivyo canke ukiheba, ariko, omeka umutima wawe kuwa Yesu Kristo we yanesheje urugamba, azogutabara, agutsindanishirize muri vyose, kandi aguhe n’iherezo ryiza. Uzubane nawe ubutagisubira kubabara. Amen
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories