Kugira ukwizera gukomeye mu Mana. 01.11.2014

Message du 01/11/2014
Kugira ukwizera gukomeye mu Mana.
Haraho ukeneye gushika, kandi harico ukeneye gukora kugirango ukwizera kwawe gukomere muri Kristo Yesu. Gushika i Gologota. Iyo haraho umuntu atarashika, ukwizera kwiwe gushobora kunyiganyizwa. Ariko haraho ukeneye kubanza gushika kugirango ntihagire ikinyiganyiza ukwizera kwawe, kuko wiboneye n’amaso yawe, canke wishikiye ata wuguhinyuza kuko no wewe nyene ata wundi. Yohana 20 : 1-25. Mariya Magadalene igihe yabarira Simoni na wa mwigishwa Yesu yakunda ko yabuze Yesu aho bamushize, birukanzi kurana kumva yiwe, umwe Yesu yakunda niwe yabanje gushikayo, arikoararunguka gusa ntiyinjira mu mva, ariko Simoni Petero ahashitse, arinjira abona za mpuzu zirambitse mumva, nigitambara co ku mutwe kizinze kirambitse ahaco. Maze wa mwigishwa nawe yabanje gushika kumva arinjira nawe nyuma, araheza arizera. Ntakindi cabatumye bizera ataruko bishikiyeyo, kandi biboneye namaso yuko yazutse mu bapfuye. Abamalayika babonye Mariya Magadalene ariko ararira kumva, bamubaza ikimuriza. Kuko yaramukunda cane kandi yari yaramukijije mwo abadayimoni 7. Hari impamvu zo kumurondera no kumukurikira atakimubuza, kuko yari yaramwizeye wese. Nuko Yesu Kristo nawe ako kanya aca amuhagarara inyuma akebutse aramubona naho atamenye kwariwe. Ariko amaze kumuvugisha aca aramumenya, ntiyamukekeranijeko, kuko iyumaze kumwumva ijwi ryiwe uramumenya. Umwibukira kuco yagukoreye, aho yagukuye ningene yagutabaye. Arivyo bidutuma dushika ku musalaba tugahinduka vyukuri. Tukiyambura ivyaha tudakebaguzwa kuko tuzi neza icamuzanye ku musalaba i Gologota.
Yesu Kristo yabwiye Mariya ngo nagende abwire bene Data ko agira agende kwa Se ariwe So, ku Mana yiwe ariyo Mana yanyu. Mariya ariruka abwira abigishwa ati nabonye Umwami. Mwene Data, murondere ubudahumeka uzomubona. Abigishwa naho Mariya yababwiye bagumye biyugaranye bafise ubwoba bwinshi, ariko amaze kubiyereka aho bari biyugaranye abasanzeho baciye bashira ubwoba, amahoro abatuyeko barayaronka ndetse abahumekerako Mpwemu Yera. Baranezegwa, babonako ari muzima. Kandi kwivyo yavuze arukuri. Niryari nawe uzomenya ko ari muzima? Hari ikikubera intambamyi mu buzima bwawe. Ubwambere banza wiyambure icaha kiba mumubiri wawe, uheze umwihereze wese. Menya icakorewe i Gologota ko habaye guharigwa ivyaha vyacu, Mariko 1:3-4,nukuvuga wanke icaha cose nigisa naco. Menya ko atawundi azokigukuramwo atari wewe ukiretse gose kandi ukacanka. Nawe agaca agushoboza gukura mu gakiza. I Gologota menya ko twahakirijwe ingwara zose, twahacishirijwe bugufi, twahabohorewe ivyatuboha vyose. Yesaya 35:8-10 Mugakiza wahawe ntiwanke guca mu bibazo, mu ngwara canke mu ngorane. Kuko nivyo bigushikana ku kwizera gukomeye, ukahahingurigwa, ugashika kumusalaba wa Kristo Yesu hamwe akwiyereka muburyo bukomeye. Kandi ukahatunganirizwa mu gakiza wahawe. Ugakomezwa cane muri Kristo Yesu. Umunezero wawe ukazokwama wujujwe kandi utazoshira. Kuko wamenye neza ukugira neza kw’Imana yacu no gutabara kwiwe ataruwundi abigushiramwo. Kandi muvyo uzocamwo vyose ukazogira umunezero udashira no guhimbagwa mumutima wawe kuko uzi Imana ufise n’ubushobozi bwayo. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s