Message du 01/11/2014
Kugira ukwizera gukomeye mu Mana.
Haraho ukeneye gushika, kandi harico ukeneye gukora kugirango ukwizera kwawe gukomere muri Kristo Yesu. Gushika i Gologota. Iyo haraho umuntu atarashika, ukwizera kwiwe gushobora kunyiganyizwa. Ariko haraho ukeneye kubanza gushika kugirango ntihagire ikinyiganyiza ukwizera kwawe, kuko wiboneye n’amaso yawe, canke wishikiye ata wuguhinyuza kuko no wewe nyene ata wundi. Yohana 20 : 1-25. Mariya Magadalene igihe yabarira Simoni na wa mwigishwa Yesu yakunda ko yabuze Yesu aho bamushize, birukanzi kurana kumva yiwe, umwe Yesu yakunda niwe yabanje gushikayo, arikoararunguka gusa ntiyinjira mu mva, ariko Simoni Petero ahashitse, arinjira abona za mpuzu zirambitse mumva, nigitambara co ku mutwe kizinze kirambitse ahaco. Maze wa mwigishwa nawe yabanje gushika kumva arinjira nawe nyuma, araheza arizera. Ntakindi cabatumye bizera ataruko bishikiyeyo, kandi biboneye namaso yuko yazutse mu bapfuye. Abamalayika babonye Mariya Magadalene ariko ararira kumva, bamubaza ikimuriza. Kuko yaramukunda cane kandi yari yaramukijije mwo abadayimoni 7. Hari impamvu zo kumurondera no kumukurikira atakimubuza, kuko yari yaramwizeye wese. Nuko Yesu Kristo nawe ako kanya aca amuhagarara inyuma akebutse aramubona naho atamenye kwariwe. Ariko amaze kumuvugisha aca aramumenya, ntiyamukekeranijeko, kuko iyumaze kumwumva ijwi ryiwe uramumenya. Umwibukira kuco yagukoreye, aho yagukuye ningene yagutabaye. Arivyo bidutuma dushika ku musalaba tugahinduka vyukuri. Tukiyambura ivyaha tudakebaguzwa kuko tuzi neza icamuzanye ku musalaba i Gologota.
Yesu Kristo yabwiye Mariya ngo nagende abwire bene Data ko agira agende kwa Se ariwe So, ku Mana yiwe ariyo Mana yanyu. Mariya ariruka abwira abigishwa ati nabonye Umwami. Mwene Data, murondere ubudahumeka uzomubona. Abigishwa naho Mariya yababwiye bagumye biyugaranye bafise ubwoba bwinshi, ariko amaze kubiyereka aho bari biyugaranye abasanzeho baciye bashira ubwoba, amahoro abatuyeko barayaronka ndetse abahumekerako Mpwemu Yera. Baranezegwa, babonako ari muzima. Kandi kwivyo yavuze arukuri. Niryari nawe uzomenya ko ari muzima? Hari ikikubera intambamyi mu buzima bwawe. Ubwambere banza wiyambure icaha kiba mumubiri wawe, uheze umwihereze wese. Menya icakorewe i Gologota ko habaye guharigwa ivyaha vyacu, Mariko 1:3-4,nukuvuga wanke icaha cose nigisa naco. Menya ko atawundi azokigukuramwo atari wewe ukiretse gose kandi ukacanka. Nawe agaca agushoboza gukura mu gakiza. I Gologota menya ko twahakirijwe ingwara zose, twahacishirijwe bugufi, twahabohorewe ivyatuboha vyose. Yesaya 35:8-10 Mugakiza wahawe ntiwanke guca mu bibazo, mu ngwara canke mu ngorane. Kuko nivyo bigushikana ku kwizera gukomeye, ukahahingurigwa, ugashika kumusalaba wa Kristo Yesu hamwe akwiyereka muburyo bukomeye. Kandi ukahatunganirizwa mu gakiza wahawe. Ugakomezwa cane muri Kristo Yesu. Umunezero wawe ukazokwama wujujwe kandi utazoshira. Kuko wamenye neza ukugira neza kw’Imana yacu no gutabara kwiwe ataruwundi abigushiramwo. Kandi muvyo uzocamwo vyose ukazogira umunezero udashira no guhimbagwa mumutima wawe kuko uzi Imana ufise n’ubushobozi bwayo. Amen.
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories