Ubutumwa bwo ku wa 08.11.2014
Abana b’Imana twahamagariwe kuba abera.
Turi ihanga ryera, ubwoko twatoranijwe n’Imana, dukoranijwe kuba abami n.abaherezi, twashiriweho kuba inyegu yiharije ngo dukwize ishimwe ryiyaduhamagaye. Igihe twakira Yesu Kristo twahindutse abera, guhera urya mwanya Mpwemu Yera yatujemwo tuba bazima muri Kristo Yesu. Duhinduka abera b’Imana. Turonka ubugingo. Vyahereye imbere mukumwakira, impwemu irahinduka, hanyuma akagenda aduhindura mu bikogwa no mungeso, kuko turi igikogwa ciwe. Nico gituma twebwe abatoranijwe dukwiriye kwirinda icitwa icaha nigisa naco, kuko nico kidutandukanya n’Umwami wacu. 1Yohana 1: 5-10 & 1Yohana 2: 1-6. Twese abari mw’isi turacumura ku Mana. Ariko icidusaba n’ukwiyeza igihe cose kuko Umwami wacu Yesu Kristo miwe mpongano y’ivyaha vyacu, niwe aduharira ibicumuro vyacu vyose. Tukagenda twitondera ijambo ryiwe, kugirango gukunda Imana guhingugwe muri twebwe.Umuntu iyo yemereye Imana ikagira icikora mubuzima bwiwe, ikamyainyota mbi y’isi m’umuntu. Kandi Imana ikaguhindura, kuko umuntu wese aba afise ibintu biba bimuboshe, ariko uwo wakiriyearashoboye kuguhinduraumwemereye. Ab’Anyefeso 4: 20-32 & Ab’I Kolosayi 3 : 3-10 . Abana b’Imana barasabwa cane kw’ica ingingo zacu ziri mw’isi, kuko twapfuye kandi ubugingo bwacu bukaba buhishijwe muri Kristo Yesu. Tuve muvyaha vyose uko biri kwose, kuko twiyambuye wa muntu wa kera n’ibikogwa vyiwe, twambare wa muntu musha, ahindugwa musha gwagire ubwenge, amere nk’ishusho yiyamuremye. Nico gituma Umwami Yesu yatubwiye ng’ushaka kumukurikira niyiyanke. Matayo 16 : 24-25. Umuntu biragoye ko yiyanka, nico gituma bagomba gukurikiza kamere yabo, bakisanga muri echec. Ariko tudakurikije kamere kacu, tukumvira Mpwemu Yera n’ic’Imana itubwira vyose biragenda neza, kuko dukoreshwa na Mpwemu Yera. Umuntu icahisemwo nico cerekeza ingene umuntu azobaho. Ivyifuzo vyose dufise si vyiza vyose, vyose ntibitunganye, hari ibidutwara ahantu habi. Nico gituma Paul avuga ati : ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja, kugirango kumbure maze kwigisha abandi , nanje ubwanje sinze mboneke ko ntemewe. 1Korin. 9 : 26-27.
Ariko tugendeye mw’ijambo ry’Imana nkuko ritubwira, tukubaha Uhoraho Imana yacu ubwayo, tuzokwama mu mahigwe imisi yose. Gusub. Vyagezwe 6 : 24-25, Abalewi 26: 9-13. Umwami Imana iravugako izokwama idushizeko umutima, kandi izokomeza isezerano ryayo natwe. Izoshira ihema ryayo hagati muri twebwe. Amen Amen. Reka duhitemwo kuguma mu masezerano, twibanire n’Imana. Twanke icaha kidutandukanya n’Imana. Tube abera b’Imana gushika ku musi wo gucungugwa. Amen Amen.