Shira ukwizera kwawe mu Mana ugire kwihangana gukomeye 11.10.2014

Samedi le 11/10/2014
Shira ukwizera kwawe mu Mana ugire kwihangana gukomeye.
Mu buzima ru Kristo turimwo dukwiye kugira ukwihangana gukomeye kandi guhagaze mukwizera Imana dusenga be n’ijambo ryayo, kugira dushike ku masezerano yacu. Ijambo ry’Imana riratubwira ingene Yosefu yahagaze kuc’Imana yavuganiye nawe mu ndoto, akameze kugira ukwizera gukomeye naho yahuye ningorane zikomeye ndetse be n’ibigeragezo. Ariko yakomeje mukwizera kwiwe, kuko yarazi neza ko iyavuze itabesha kandi ko amasezerano yiwe azomushikako, akabibonesha amaso yiwe. Ntiyiyanduje mukintu na kimwe, ariko yakomeje mukwubaha Imana ayihesha icubahiro no mugusenga, bimwegereza Imana cane. Iyumuntu aciye mu bigeragezo bikomeye akagumiza umutima wiwe ku Mana yonyene, ahambikigwa inkomezi, arahatunganirizwa, ahasigigwa amavuta, aharonkera ubwenge akigishwa bikomeye, arakura mu Mana kandi Mpwemu Yera akamubako ndetse akaharonkera n’ububasha n’ubushobozi buva ku Mana. Abaroma 4: 16-25 Aburahamu yizeye kandi yizigiye ibitokwizegwa kandi adakekeranya, abiharugwako nko kugororoka, ahabwa Isaka mu myaka 100, kandi Imana yongera imuha n’imihezagiro ikomeye, aba sekuruza wamahanga. Ibigeragezo ducamwo, kuko twizeye Imana dusenga vyose bihezwa nuko twizeye tudakekeranya iyasezeranye, bigatuma uburemere bwavyo buba buto ataruko tubibona canke tuvyumva kuko twizeye izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo. Abah. 6: 11-12. Haraho ukwizera kudatanga inyishu uwo mwanya, ariko dutegerezwa kuguma muri Kristo kwisaha, ku musi kumusi ndetse nigihe cose tutarabona inyishu. Kandi ntidutinye naho ibigeragezo vyokwiyongera kuko yaranesheje.Ariko naho inyisho zoboneka dukomeza mu Mana kuko turayikeneye muri vyose. Yakobo 1: 2-6. 2Abami 2 : Elisa yagendana na Eliya, Eliya agira aduzwe mwijuru bagira batandukanywe, ariko eliya yaramubuzaga ngo yisubirire inyuma, ndetse n’abiga kuvugishwa bakabimuhishurira kenshi, ariko we yaravuze ati sintandukanywa na we. Gushika aho ico Eliya yamubwiye yakibonye ati niyo wabona ingene ntandukanywa nawe, imigabane 2 yingabire ziwe arazihabwa, vyamubereye kuno kuko yari yizeye adakekerenya kw’Imana ya Eliya ariyo Mana yiwe kandi kwishikiriza ivyo asaba. Mariko 11: 24-25 Nico gituma atubwira kwiyo dusenze canke dusaba twizere Imana yuko tubihawe kandi tuzobibona mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo. Amen. Kandi iyo turi mu masezerano ni ngombwako tuba dufise umutima utunganye kandi wukuri imbere y’Imana kugirango nayo ibane natwe. Kandi idutsindanishirize muri vyose. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s