Unyizera, ibikogwa jewe nkora nawe azobikora 20.09.2014

Ubutumwa bwa le Ubutumwa bwa 20/09/2014
Unyizera, ibikogwa jewe nkora nawe azobikora
Yesu Kristo aratubwira ngo tumwizere kugirango yerekanire ububasha bwiwe muri twebwe abizeye. Yerekanye ibikogwa vyiwe bitangaje, yongera aduha ijambo ryiwe ngo tumwizere, niyo twizera azoduha ububasha n’ububashobozi bwo kubikora ku bw’izina ryiwe. Kandi ngumwizera wese ntazomaramazwa. 1 Pierre 2: 1-12 Iyo twubatse muri we aduha gushikama no kunesha. Kandi nta gishobora kutunyiganyiza. Nico gituma atubwira igihe cose ati NTIMUTINYE. Kuko ubwoba butuma umuntu ahitamwo inzira itariyo, ugatakaza ukwizera, impwemu mbi zikakwongorera gushika naho utakaza inzira y’Umwami wacu Yesu Kristo. Kuko benshi bagira ubwoba bw’ubuzima bwejo, bigatuma babaho bigwanirira kandi ntibafate Umwami Yesu uko bikwiriye. Nawe aratubwira ngo twikorere umusalaba wacu tumukurikire. Kandi iyo umuntu awikoreye asa n’uhevye ubuzima bwiwe mw’isi ariko akaronka impera ikomeye, ikamuhindura urutare rukomeye. Uba wizeye iyo Mana ishobora vyose, ukaba mu masengesho muvyukora vyose, ukayishira imbere kandi ntihagire ico wirata kubwawe, ahubwo ukabona ko vyose ubishobozwa n’Imana kandi ukavyatura n’umutima wawe wose uvyemeza kuko uvyizeye, na We akaza akagushoboza n’urugamba uhaye ugwana. Kwubw’ikiganza ciza c’Imana kiba kubizeye, ariyo yuguruye ata wugara kandi isinye atawushobora kubihindura. Irishingira intahe, igakuraho amategeko agwanya abayubaha, igashingira intahe izina ryayo n’ubu Mana bwayo, bose bagahindukirira kuyisenga. Esiteri 4: 11-16 ; 1 Samuel 17: 32-33 & 36-37 & 46-47 Mukundwa wa Yesu Kristo , izere kuko kwizera guca inzira ahatagira inzira, kukagushitsa kuntsinzi no gutabagwa, kukagukura mu bwiza kugushira mu bundi kuko Imana irikumwe nawe, kandi sico gusa, ukagira nivyizigiro kukuzobona Imana yawe. Mugihe ca Esiteri i bwami haramategeko akomeye cane yo kwicwa urengutse imbere y’Umwami atagutunze inkoni y’inzahabu, ariko kubwo gusenga no kwinginga gufatanijwe no kwizera Imana yarihesheje icubahiro Esiteri ararenguka imbere y’umwami ndetse itegeko ryikibiriraho rirakugwaho. Mugihe ca Dawidi yica Goliyati, Imana yabanye nawe arumwana imiha kwica irya ntakebwa y’umufilistiya kuko yahagurutse kugwana mw’izima ry’Uhoraho Imana yama imutabara aragiye intama za se akanesha indubu n’intambwe. None nawe muvyukora no muvyucamwo vyose, uhagurukana iki? Ukora canke ugwana witwaje Nde? Canke wizeye iki? Ukwo kwizera nikwo gutuma ukora ibikogwa vyiza bizogukurikora mugihe c’Umwami wacu Yesu Kristo kandi nikwo gutuma ugira agakiza gashitse kazotuma ubona Imana. Ivyah.Yohana 14: 6-7 & 13. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s