Kuba mu bugingo bushasha : Dufise Umutima musha. 04.10.2014

Ubutumwa bwo ku wa 04.10.2014

Kuba mu bugingo bushasha : Dufise Umutima musha.

Uhoraho Umwami Imana mukuturema yaturemye mw’ishusho yiwe. Iturema itwishushanijeko kugirango tugende dusa nayo mukubaho kwacu no muvyo dukora vyose. Bivugako yashaka ko imibereho yacu nibikogwa vyacu yashaka ko biba vyiza. Ariko Satani amaze kuza gusuka ububi mu bantu Imana yaremye barahinduka bagenda bakora ivyo wa mugwanizi abategeka. Abakurikira ivy’Imana nabo kenshi bakabivanga ntibakurikire ukugororoka kuva ku Mana ariko bakishiriraho ivyabo ubwabo biborohereza mu ngeso zabo. Umwami Wacu Yesu Kristo niho yaca aza kudutabara, akatuzanira agakiza, kandi aduha ubugingo busha. Kugirango abazobugenderamwo ntibatakaze agakiza yaduhaye, baze babane nawe mw’ijuru. Kuko yatuzaniye agakiza ko kugororoka, gahagaze kukwizera, Yishirako ivyaha vyacu vyose, kugirango umwizera wese ave muvyaha ahubwo aronke ubugingo budashira. Yesaya 53: 4-11. Gucungugwa kwacu vyakorekeye ku Musalaba Umwami Yesu Kristo yikoreye kubwacu, naho bitari vyoroshe yarabikoze kugirango natwe abizeye aduhe kunesha. Abaroma 8: 1-14 Ijambo ry’Imana riratubwirako ata rubanza ruzodutsinda. Tureke kwitwararika ivy’umubiri kuzana urupfu, kuko abarongogwa nakameremere kabo badashobora guhimbara Imana, ariko ngo turongogwe na Mpwemu, twitwararike ivy’Impwemu tuzonesha icaha nibitugerageza kandi tuzobanaho na We. Tumwinjiremwo duhinduke gose, tugize imitima misha muri Kristo Yesu, niho tumenya ivy’Imana igomba, kuyikorera kwacu kukagira ikimazi imbere Yayo. Kandi akaduha kunesha kuko Niwe yanesheje. 1Pierre 1: 15-17 , 1Pierre 2 : 1-5 & 24 Imana yacu yaduhamagaye ni Iyera, kandi natwe irashaka ko tuba abera nkuko nayo ari Iyera, tukiyambura wa muntu wa kera, twambare umuntu musha muri Kristo Yesu, twifuze amata y’umutima adafunguye kugirango adushitse ku gakiza gashitse. Tumwegere, tumwubakireko nk’amabuye afise ubugingo, kugirango tube inzu yo muburyo bwo muri Mpwemu.Idahenugwa nicarico cose. Umuntu wese yiyubare ingene yubatseko. Twiyambure wa muntu wa kera. Twambare wa muntu musha, yakiriye agakiza, kandi yaremwe mw’ishusho y’Imana mu kugororoka no mukwera kw’ukuri. Abanyefeso 5 : 5-10. Tudende dusa na We tur’umuco mu mwami wacu, tugenda nk’abana b’umuco. Nibo bahimbara Imana kandi nibo azotwara mugihe azoza gutora umugeni wiwe. Amen Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

2 Responses to Kuba mu bugingo bushasha : Dufise Umutima musha. 04.10.2014

  1. NTIRAMPEBA BENOIT says:

    EGO YESU YARAKOZE KUKWITANGA KWIWE KUGIRA DUCUNGUGWE. IYATABAWE TWARABO KUJA MURI GIHONOMU.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s