Ubutumwa bwo ku wa 13/09/2014
Dutumbere Yesu wenyene.
Izina ry,Umwami wacu Yesu Kristo niryo twahawe kugirango uzomutumbera wese, akamumenya na canecane akamwizera ntazokogwa n’isoni. Ububasha bwose yabuhawe na Data ku bari mw’isi bose ndetse no kuvyaremwe vyose mw’ijuru mw’isi n’ikuzimu. Matayo 15: 21-28 Yesu yakijije umukobwa w’Umunyakananikazi, nyina wiwe atakambiye cane Umwami wacu Yesu Kristo ngwamukirize umwana, ariko Yesu Kristo ntayashotse amwishura, aramubwirako we yatumwe ku ntama zazimiye z´inzu ya Isirayeli. Ariko wa munyakananikazi akomeza kumwinginda ndetse aca buguficane Umwami wacu amubwiyeko umutsima y’abana idakwiye kurya utubwa, ariko uwo mugore ntivyamuvunye ahubwo yakomeje guca bugufi imbere y’Umwami Yesu Kristo, ati Nkako mugenzi utubwa natwo twirira utuvungukira dukorokeye munsi yameza y´abanyenetwo. Yesu yamubwiye atukwizera ni kwinshi nyina wanje bikubere nkuko wizeye. Uyo mwana aca akira uwo mwanya. Tumutumbere wenyene duce bugufi nawe araduha ivyo dusaba. Matayo 8: 8-13 & 23-27. Yesu Kristo niwe afise ububasha bwo gukiza muri we kandi izina ryiwe n’amaraso yiwe nivyo bizimya umuriro n’ibikogwa vya wa mugwanizi. Umugabisha w’ingabo yinginze Umwami wacu Yesu ngwamukirize umuhungu, agendana ukwizera nawe amubwira abategeka bagakora ivyo ababwiye vyose, aca bugufi amubwira ati ntibikwiye ko winjira munzu yanje, vuga ijambo gusa umuhungu arakira. Yesu atangazwa cane no kwizera kwiwe, ati sinari bwabone ukwizera kungana gutyo no mu Bisirayeli. Abwira abari bamukikije ko benshi bazova mumpande zitandukanye bakicarana na Aburahamu na Isaka na Yakobo mu bwami bwo mw’ijuru. Ariko abamumenye , kandi bamwakiriye kubwo kutizera kwabo no kudaca bugufi kwabo bazohindigwa hanze mu mwiza. Ivyak n’Intum. 18: 9-11, Yesu abarira Paul ati ntutinye kuko aho ndahafise abantu benshi. Umwami Imana ibona imitima y’abantu, nico gituma yaremesheje Paul. Kuko hari benshi bagendera mu kigali, ariko bafise umutima wo kwizera. Mukundwa izere Umwami Yesu kubwawe utaravye abandi kuko ni wewe ashaka. Luka 5: 4-11 Intumwa zarovye amafi menshi kubwo kwumvira ijambo ryiwe. Kubw’uwo mutima umwubashe nawe ahindura intumbero y’ubuzima bwabo, abakura kuroba amafi abagira abarovyi bab’abantu. Mwene data mufate vyukuri nawe arahindura intumbero y’ubuzima bwawe kandi azobana nawe. Reka tumutumbere wenyene dusenge mubihe vyiza no mu bibi, mu munezero canke mungorane, nawe azotwihishurira. Dukomeze muri we gusa kuko agakiza kacu kazohishugwa ku musi wacu wanyuma. Amen