Urushengero Pentekote Gilugali Kristiansand rufite umunezero wo kubatumire mu gikorane cyo gushima no guhimbaza Uwiteka Imana ku bitangaza yakoze kuva igikogwa cy´Imana gitanguye.
Hashize imyaka cumi igikogwa cy´ Imana gitanguye. Urushengero nagwo rukaba rumaze imyaka 6 rushinzwe. Kuza kwifatanya natwe mu gikorane cyo guha Imana icyubahiro kubw´ imirimo yakoze kandi ibandanya gukora ku bw´Izina ryayo ryera.
Igikorane kizaba italiki ya 17.10.2014 guhera 15h 00 – 21h 00 na 18.10.2014 guhera kl. 11h00 -21h00 Kuza kwanyu bizotubera umugisha ukomeye cyane. Imana ibahezagire cyane.