Zigama agakiza wahawe. 23.08.2014

Ubutumwa bwa 23.08.2014

Zigama agakiza wahawe.

Umwami wacu Yesu Kristo yatuzaniye agakiza, aduha ubugingo. Kandi ubwakira wese aburonke busagutse. Iyo tumaze kugahabwa iba igomba gukora ikintu gisha mu bugingo bwacu. Ikanahezagira igikogwa cose yaduteguriye , igahezagira ishengero ryaronse ubugingo bwagutse nabo bakagukigwa no mumitima yabo,ikanahezagira ndetse nivyacu vyose. Nico gituma itwinginga ngo tube maso ntidutwagwe akayombekere ngo tuve muvyo twumvise, kuko nivyo bizodushikana ku masezerano. Abah.2:1-3 Ijambo niryo ridutwara rikadushikana ku masezerano yaco. Nico gituma Itubwira ngo dukomeze kwumvira ijambo no gushitsa ico ritubwira kugirango ntidutwagwe akayombekere tukabivamwo. Kuko gukizwa n’intambuko kandi no kugwa n’intambuko. Iy’ijambo rije ku musi ku musi ukaryakira wisanga mugukomera cane mu Mana kuko niryo rigukomeza kandi rikaguhindura kuko waryakiriye ukarishitsa, bigatuma nivyo Imana yagusezeraniye ubishikira. Akarorero muri twinshi ni nkuko Yosefu yahagaze kw’ijambo agahabwa ibiruta nivyo yari yiteze. Iyo urishitsa ryagura ubugingo bwawe, iyo utarishitsa uba igikuri mu gakiza. Ugasanga harabibereye murushengero badakijijwe, kuko ivyo bakora atari ibijanye n’ibikogwa vyabahawe agakiza, kandi ntibitwe aba pagani kuko basenga bakinjira mungoro y’Imana. Ivyo bibabaza Imana cane bikanabazanira no kurakigwa n’Imana. Ariko Imana irashaka ko twese dukizwa vy’ukuri tugashika kurugezo gwo kunesha icaha, kuko intubero yayo nuko tunesha tukagira iherezo ryiza. Dukomeze kubangiriza mu vyizigoro vyacu gushitsa kwiherezo. Abah 3: 12-19 Dufise imitima myiza kandi yizeye, duhanura n’abandi tubona bagitwagwa n’uruhendo rw’icaha, kugira muri twebwe ntihagira uhusha iherezo riza. Abah. 4: 1-13 Ijambo ry’Imana riradusaba cane ko tugira kwumvira, kuko ab’Isirayeri bavuye muri Egiputa igituma batashitse mugihugu c’isezerano nuko batumviye ijambo ry’Imana yabahaye, bakomantaje imitima yabo ntibizera bituma badashika mu buruhukiro. Kandi ubwo buruhukiro bubikiwe abazokwizera bose Umwami wacu Yesu Kristo bagashitsa ivyo ritwigisha nico ritubwiriza bivanze no kuryizera. Kuko ikitwica sikiza inyuma, nkuko Farao batinya Imana yamutikirije n’ingabo ziwe mu kiyaga gitukura, ariko bishwe n’icaha kiri mu mitima yabo. Benshi mugihe cubu naho bakomantaza Imitima ntibagendere mw’ijambo ry’Imana uko bikwiriye, bakarimenyera ntibumve igitinyiro c’Imana mu mitima yabo, bigatuma badakizwa ngw’Imana ibahindure vy’ukuri. Ariko iratubwira ngw’aho twumvira ijwi ryayo ntidukomantaze Imitima, kandi bicitwa uyu musi wihane. Ugire umutima umenetse uhimbara Imana.Aratubwira ngo nitutaba maso azoza nkigisuma kandi ntituzomenya igihe azozirako. Arikounesha azomuha kwicarana nawe mu bwami bwo mw’ijuri. Kandi azokwambikwa impuzu zera, kandi azomugira inkingi yo mu rushengero rw’Imana Yanje. Amen Ivyah. Yohana 3: 3-5 & 11-12 &20-21. Amen Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s