Message du 16/08/2014
Gushikanira abana bato Imana.
Kuva Imana irema abantu yabaremye mw’ishusho yayo, ibaremana urukundo rwinshi caane, kandi iturema mw’ishusho yayo. Ibaha kumeregwa neza no kubaho neza batavunitse. Ibamenyesha ibikwiriye n’ibidakwiriye, ibicishije mw’ijambo ryayo. Kugirango umuntu wese azorigenderamwo rimuheshe kuguma murukundo rwayo no munzira mubugombe bwayo. Ikigeretseko bahabwe ubugingo budashira no kuramba. Ariko umuntu siko yabikoze bituma acumura ku Mana, icaha kirinjira mu bantu, isi igira umuvumo. Itanguriro 3: 16-17. Ariko Imana yo ntiyabahevye kuko ariny’abuntu ibihe vyose, yongera kandi yirobanurira abana bayo ukwibihe vyagiye bikurikirana kandi ikabana nabo. Itanguriro 6: 1-12 Nkuko icaha caje mw’isi, abana b’Imana bakomeje mukutumvira Imana bagakora ivyivyiyumviri bibi vy’imitima yabo yifuje ntibagendere mu vyagezwe vy’Uhoraho, bashishikara kwiyanduza no kubabaza Imana muri vyose. Uhoraho yicuza ico yaremeye umuntu. Ariko agahimbagwa n’abagendera munzira zayo batunganye. (Noa). Ah’Imana yakura Ab’Isirayeli muri Egiputa, yasize mu kanwa ka Mose umusavyi wayo amabwirizwa n’ivyagezwe ngo babigenderemwo, bize bihore ku mitima yabo no mu kanwa kabo ibihe vyose uko bizogenda bikurikirana. Ngo babigendere kandi babikurikize. Gusub. Vyagez. 11: 1-3 &Gusub. Vyag. 6: 1-9 Kugirango babone kuramba no kumeregwa neza. Ibategeka ko bazobikurikiza be n’abana babo n’abuzukuru babo. Ikomeza kubabwira kwariyo Mana yonyene. Ibabwira ngo bayikundishi imitima yabo yose, n’ubugingo bwabo bwose n’inkomezi zabo zose. Kandi ngo bagire umwete wo kuyigisha n’abana babo. Ababigendeyemwo bibagirira ikimazi muri vyose ndetse bakanatabagwa igihe kigeze. Esiteri 3 : 8. Nico gituma aramahigwe gw’abana bagirigwe ubuntu bavukire mu miryango ru Kristo, bakigishwa ijambo ry’Imana kandi bakagira kuyubaha, kuyizera no kuyitinya. Nico gituma itegeko riva ku Mana ngo turikurikize, urishitsa wese rimugirira ikimazi muri vyose, haba muvya Mpwemu no mubuzima busanzwe. Zab. 37: 23-26. Mu misi yisezerano risha Yesu Kristo yaje ashitsa kandi anahishura ivyo tutari tuzi, mugusengera abana abasabira, kandi nawe nyene igihe yavuka baramushikaniye Imana imisi 8 ishize. Ari naco gituma dukwiriye guca munzira yatweretse muri vyose. Kugirango abana bacu bigishwe n’Imana kandi bareregwe mu Mana, baronke n’amasezerano aturuka ku Mana hamwe n’abavyeyi babo. Ivyak n’Intum. 2:39, Yesaya 54:13-14. Amen