Umugani w’akabuto ka sinapi n’umwambiro, bigereranywa n’ubwami bw’Imana. 05.07.2014

Message du 05.07.2014
Umugani w’akabuto ka sinapi n’umwambiro, bigereranywa n’ubwami bw’Imana.
Umwami Yesu Kristo yakunda kwigisha  mu migani, agakoresha ibintu bito n’ibiciye bugufi, kugirango ahishure ububasha n’ubushobozi biva murivyo abantu bashobora gukengera, kukw’abantu ari ivyaremwe bishira ibintu mu biboneka canke mubihambaye. Yohana 12: 19 & 24-26. Iyo intango yawe isuzuguritse niko Ubwami bw’Imana bugiye guhindura vyose muri wewe. Nkuko Umukiza wacu Yesu Kristo yaje asuzuguritse  mu bana b’abantu, ariko yigaruriyeko isi yose, arayikiza arayicungura. Nico nawe ikubwira ngw’ ic’Imana yateye muri wewe, Imana igiye gukomeza agakiza kawe, urugo gwawe, ibikogwa vyawe, umuhamagaro wawe, kandi ubwami bw’Imana bwaguke muri wewe kubw’urubuto yagushizemwo. Yesu Kristo yaje guhindura ivy’abana b’abantu biteze. Kuko bo bitega ibihinda n’ivy’impressionna abantu. Nico gituma nawe yaje aciye bugufi kandi ar’Umukiz, kugirango areme ukwizera mu bantu.Ubwami bw’Imana bwaje mw’isi bufise ishusho nto caane. Nico gituma
adusaba ku mwizera , bidaciye ku ma logique na za philosophie. Mariko 4: 26-32. Umwami Imana yarashize akabutu mu mutima wawe, menyako kariko karakura kandi kazohindura ubuzima bwawe bwose. Kandi ubwami bw’Imana bukurimwo bashobora kukuryako ndetse bakanakuvomamwo n’ibindi….. Ntuhagarike umutima wibaza ngo agakiza kawe kutakabona kandi benshi bakagucira imanza ndetse n’ibindi vyinshi ariko, bagashaka ibikomeye inyuma muri wewe canke nawe ugashaka kwibona hejuru mu gakiza, ariko menyako harimbuto iriko irakura muri wewe, kuko ubibonera ko hari vyinshi wakunda, canke wakora, wifuza, wajamwo, harivyo utemera ariko wemera n’ibindi..ariko vyose vyamaze guhinduka mu buzima bwawe. Luka 8: 38-39, har’umwambiro  Mpwemu Yera yashize mu bugingo bwawe uriko uravyimba kandi umutima wawe wejenje vyukuri hazokuryako benshi. Ntiwikengere rero na gato bwira Imana uti ndaziko harico uriko urakora mu buzima bwanje kandi gikomeye. Uti harigikogwa Mpwemu Yera
yakoze kandi kizoseruka. Luka 13: 18-20, Uwo mwambiro urahindura ibintu. Kandi reka ukwokuri kube muri twebwe, ntiwibone mu bibi gusa, ariko bona ubwami bw’Imana muri wewe. Kuko umwambiro ukora igikogwa cawo mu gacerere, ariko ugahindura gose ifu umukate, bigafata iyindi shusho. Har’ubutunzi wahawe nawe ubwawe bushobora kugukiza, rigakiza n’abandi benshi cane uhereye ahuba, n’ijambo ry’Imanariri muri wewe wigishijwe n’izina rya Yesu Kristo, Umwana w’Imana nzima. Amen
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s