Urukundo rw’Imana ruserugwa n’urukundo ruhebuje ruhishijwe muri Yesu Kristo.28.06.2014

Samedi le 28.06.2014

Urukundo rw’Imana ruserugwa n’urukundo ruhebuje ruhishijwe muri Yesu Kristo.

Data wa twese yashize mu mwana wiwe Kristo Yesu ububasha bwose n’ubushobozi bwose bwo kugirira neza abamwiteze kandi bamwizeye. Muri we vyose niho vyahishijwe, kugirango agirire neza abagendera mw’ijambo ryiwe kandi bakarikurikiza, bagakorana ubwenge nk’abamumenye bishitse. Ab’i Kolosayi 2: 1-3 & 6-12. Muri Yesu Kristo niho hari kumenya no gutahura ibanga ry’Imana n’itunga rihebuje ry’ububasha n’urukundo rwayo yerekanira mu bizeye. Muri we niho har’ukunesha, – gutabagwa, – gusubizwa mw’intege, ndetse nukw’ishugwa mubibazo duhura navyo vyose. Umwizeye inzira yose ucamwo igushikana kumasezerano yawe, iyo wagize kwihangana no kwizera ukitega instinzi ibonegwa muri Kristo Yesu. Ivyakozwe n’intun. 9 : 13-15 & 22. Ubwo bushobozi bwo gushikama ubuhabwa na Mpwemu Yera. Paul amaze guhura na Kristo Yesu, yuguruye umutima wiwe ubudasubira inyuma, agendana n’Umwami wacu Yesu Kristo akoreshwa na Mpwemu Yera, kandi aba igikoresho ciza c’Imana nkuko yari yavuzweko atuwo n,umuntu nitoranirije gwajane izina ry’Imana imbere y’abanyamahanga n’abami n’abisirayeli. Muri Paul, Imana iraserura urukundo rwayo ruhebuje, imuhinduramwo igikoresho ciza cane c’Imana. Itang. 37: 5-11 & 20. Imana imaze gusezeranira Yosefu, yagize ibitero vyinshi caaane, ageragezwa kuc’Imana yari yaravuganye nawew munzozi imuha amasezerano. Ariko kuko yahagaze neza cane mw’ijambo ry’Imana akaguma yiteze amasezerano yiwe, urukundo rw’Imana ruguma rumukikuje ku mpande zose kuko atayivuyeko canke ngo ahemuke yinjize imyuka mibi. Imana iramutabara , ijambo ryayo riramushikako, ahabwa nivyo atari yiteze, agigwa 1 ministre mugihugu ca Egiputa, asigara arutwa na Farao wenyene. Nico gituma mwene Data, Mpwemu w’Imana arakwibutsa cane urukundo rwinshi Imana ifitiye abana bayo. Arakubwira ngo wizere gusa Ijambo ryayo, nico yavuganye nawe, ntutinye kandi ntiwikakisha mu mutima kuko vyose izobiguha ndetse igukorere nibibiruta, kubw’urukundo rwayo rubonegwa mu Mwana wayo yanesheje ibigeragezo vyose. Habakuki 2: 3-4 Kandi umwizera wese akarumuhishurira adatevye. Amen. Hagarara neza mugakiza wahawe, nturabe imiyaga n’ibihuhusi canke imisozi uhura nayo imbere yawe, uwo niwe adutsindanishiriza kubitugerageza vyose. Imana ikishingira intahe mu Mwana wayo w’ikinege ariwe Yesu Kristo, atan’umwe yamwizeye gwakogwe n’isoni. Niwe akubwira ngo ntuzomaramara canke ngutetegwe niwaguma murukundo rwayo vy’ukuri. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s