Message du 21/06/2014
Agakiza n’iki?
Agakiza nugufata icemezo co gukurikira Yesu Kristo. Nukubaho mu buzima buhindutse kandi buhinguwe gose, turi basha. Turongogwa na Mpwemu Yera, muvyo dukora no mumvugo yacu yose. Tukabaho mu buzima bwo kwubaha Imana mukugendera munzira zayo no mukuyigororokera dukurikiza ic’ijambo ry’Imana ritwigisha, rikanatuburira kandi rikanaduhanura. Tukabaho mu buzima bwejejwe, tukaba mw’isi ariko tubayeho nko mu bwami bw’Imana. Duteye umugongo ibikogwa vyose ningeso zose zidukwegera mu vyaha. Nkuk’Umwami wacu Yesu Kristo yafashe icemezo co kuza kuducungura, naho yarazi ko ivyoyaraje gucamwo bitari vyoroshe, ariko yarabishikije kugirango aducungure, adukure mu gwobo rw’amahonero. Adukura ku musozo w’urupfu n’igitutu cagwo, adukura m’umwijima w’umuzitanya twishwe n’ivyaha vyacu, adushira mu muco wiwe aratumurikira, ngo tubeho twitegurira kuja iwacu mw’ijuru.Dufise ingeso na kameremere z’abamenye Imana muvy’ukuri no mukugororoka. Nico gituma na twebwe rero abamwemeye dutegerezwa gufata icemezo co gukurikira no kwumvira ijambo ry’ Umwami wacu Yesu Kristo, tukabaho dufise imitima ihimbara Imana, yejejwe ihindutse gose kubwa Mpwemu Yera.Yadukirishije ukwozwa kuzana kuvyagwa ubwa kabiri. Tito 3: 4-8. Agakiza n’ukumenya neza ivy’Imana ishaka, ntibagume ar’abana muvy’Imana kugirango ntibagwe ngo babivemwo, bakomeze kwigishwa ivyo kwihana no kubatizwa. Ariko bakamenya kwubaha Imana no gutinya icaha ndetse bakanacanka urunuka kuko umaze kugwa akabivamwo aba asubiye kwibambira Umwami Yesu ubugira kandi. Abah 6: 1-12. Agakiza n’ukwemegwa n’Imana kandi ukamenya nimvugo yayo ugatahura n’ivya Mpwemu Yera, ukagendera mw’ijambo ry’Imana kugirango umenye ukuri, arikwo gutanga ukwidegemvya, ukabaho wubaha Imana arivyo bizana isezerano ry’ubugingo bwa none nubuzoza. Ukabaho ugororokera Imana kandi uyizeye muri vyose. Abah. 10: 35-39. Mwene Data ntawuzi umusi n’isaha y’Umwami wacu Yesu Kristo, kandi ari hafi kuza gutora umugeni wiwe. Ba mubuzima bumwiteguriye niho uzobaho neza, kandi akaguha nivyo wifuza vyose. Amen