Igikogwa ca Mpwemu Yera. 07.06.2014

Message du 07.06.14

Igikogwa ca Mpwemu Yera.

Igihe Umwami wacu Yesu Kristo yaduzwa mw’Ijuru, Yerekanye urukundo ruhebuje mubamwemeye, bituma atabasiga nk’impuvyi, abasezeranira kubarungikira Mpwemu Yera ngo aze abafashe, ababere umuhanuzi, abashoboze muvyo bakora vyose, ababere umwigisha mw’iza, abemeze ivya Data wa twese, abemeze n’ivyicaha ndetse abarongore munzira ija mw’ijuru. Yohana 14: 15-25 Yesu Kristo ntiyadutaye, yaduhaye Umwitsa ngwaje abane natwe kandi ibihe vyose. Kandi yaranatwemeje kuwo Mpwemu Yera ab’isi badashobora kwakira kuko batamuzi kandi batamubona. Uwo niwe Yesu Kristo amanukamwo, akabana natwe. Nico gituma yatubwiye ati nzobagarukako, kandi kuko ariho natwe tuzobaho. Nico gituma atubwira kuri n’ivyagezwe vyiwe akavyitondera Data azomukunda kandi nawe akamukunda, bagaca baza bakabana nawe. Uwo Mpwemu Yera niwe atuma tubaho turi abana b’Imana, tukagira n’ubushobozi bwo kunesha, tukavuga ubutumwa dushize amanga, tudatinya. Mpwemu Yera aduha kuvuga indimi sha, kandi akaturongora mu kuri kw’Imana kuko adakorera mu vyaha, akorera mu biyejeje, bagakora ic’ivyagezwe bivuga, bakumvira kandi bakubaha Imana. Ivyak 4: 23-31. Imana yasutse Mpwemu kubariko barasenga bababajwe n’abatumvira Imana, kugirango Imana ibuzuze Mpwemu Yera mu gihe Imana iriko irakora ibitangaza, Mpwemu Yera nawe akore ku mitima y’abantu batumvira, badadaraye imitima yabo, bakizwe.Yohana 16: 7-15. Mpwemu Yera niwe twahawe ngwaturongore adushitse kukuri kwose, kukw’ivyo azokwumva vyose kuri Data arivyo nawe azoca atuzanira. Ariko ntashobora kutuzomwo tudashoboye guhinduka, tukava mu vyaha, tugatandukana n’inzira n’ibikogwa vyose vya wa mubi. Tukaba mukuri turongowe nawe, muvyo tuvuga, canke dukora vyose. Tugashingira Intahe Yesu Kristo Umwana w’Imana nzima n’ibikogwa vyiwe. Ndetse no mugusenga Dutegerezwa kurongogwa na Mpwemu Yera kuko abasenga batyo aribo Imana ishaka.Yohani 4: 23-24. Adufasha kandi akadushoboza mu kintu cose Imana Data wa twese n’Umwana wayo Yesu Kristo badushakako. Kandi Yesu Kristo azoza kujana abarimwo Mpwemu Yera. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s