Yesu Kristo yaje kutubohora.24.05.2014

Ubutumwa bwo ku wa 24.05.2014

 Yesu Kristo yaje kutubohora.

Kubw’ububasha bwa Mpwemu Yera bwakorera muri Yesu Kristo, nico gituma natwe abaja mw’ijuru yaje kudukuramwo ivyo gukorera mumubiri, dukoreshwa n’ubwenge bw’abana b’abantu, kugirango turongogwe na Mpwemu Yera. Tugire ubwenge bwo muri Mpwemu Yera buhagaze kuri We. Kuko ubwenge bw’umubiri bufise aho bugera, ariko ubwo muri Mpwemu budushitsaho tutoshitse, kandi ntibutsindwa na rimwe. Kuko n’Umwami Yesu aba ari muri twebwe. Nibwo buturuka kuri Kristo Yesu kadutahuza ibidatahura bose, bukadukoresha ibimenyesto n’ibitangaza.

Ivyakoz, n’Intum. 9: 13-22 Paul yari um’unyambwenge akomeye, yigishirijwe ku birenge vya Gamariyeli. Yagenda yica abavuga ivya Kristo Yesu, abagabo n’abagore. Yakora ibibi vyinshi yishimikijwe ubwenge bwiwe n’ububasha yahawe n’abana b’abantu. Ariko amaze guhura na Yesu Kristo ariko yiruka kugeseza abaturira Kristo, ubuntu bw’Imana buramubohora, yuzuzwa Mpwemu Yera, agenda yemeza abantu ivya Yesu Kristo Umunyanazareti, afise ubwenge, n’ububasha buvuye ku Mana atawumutsinda. Akugwa mu bibi, aja kuvuga ivy’ubwami bw’Imana. Iyo uhuye na Yesu Kristo vyose birahinduka, kuko yaje kutubohora, ahindura ubuzima bw’abizera. Nico gituma dukeneye cane ububasha bwa Mpwemu Yera , tukagira ubwenge buvuye ku Mana bwo gutahura ijambo ry’Imana kuko ariryo ritubohora. Yesu Kristo yadukuyeko igisuzuguriro, atwicarika hamwe n’ibikomangoma. Ivyak.n’Intum. 4: 5-14. Petero na Yohana ntibari barigishijwe, ariko bari buzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera kubwo kwizera Kristo. Bahinduka ibikoresho vyiza vy’Imana, babohogwa ubujiji, baba abanyabwenge bakomeye, atawabatsinda mu majambo canke mu bikogwa. Matayo 14: 24-33 . Petero yabonye Yesu agendagenda ku mazi, amubwira gwamusange ahari, Yesu amubwira ngo naze, aragenda ku mazi kuko yizeye umuhamagaye, ariko abonye ibihuhusi mu mazi aca agira ubwoba, arataka. Nawe amufata ukuboko bakomeza kugenda ku mazi. Nico gituma yatubohoye n’impwemu y’ubwoba. Mariko 11: 20-24 Abarira intumwa n’abizera ngo twamane ukwizera niho ivyo tuzosengera vyose azobikora, dusenze twizeyeko amajambo twavuze Imana yayumvise kandi yabikoze. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s