Yesu Kristo zina riruta ayandi mazina yose. 17.05.2014

Samedi le 17/05/2014

Yesu Kristo zina riruta ayandi mazina yose.

Iryo zina niryo muco w’abantu bose, mu mahanga yose. Imana Data wa twese yarishize hejuru kugirango arirutisha booose, ariha ububasha bwose n’ubushobozi kugirango abamwizera baze bashike ku vyo yabateguriye ndetse no kuvyo basaba. Ariko igituma abantu usanga badatahura neza ububasha buri buru muriryo zina rya Yesu Kristo, nuko bagira inyota yo kumumenya, ariko ugasanga bahura n’intambamyi nyinshi zibabuza kwinjira gose ngo bamenye ubwobubasha nabo kandi bubakoreremwo. Hakaba munyigisho bahabwa, canke ingorane zituma baja muntegenke ntibakure mugakiza bagaca baguma gutyo, abandi bagashishikara cane ivy’isi hakagira ivyo bashira mukibanza ca rya zina ryobatabaye muri vyose, n’ibindi…… Ivyo sose nivyo bibabuza gutahura neza ubwo bubasha n’ubushobozi Imana yahaye Yesu Kristo bukorera muriryo zina. Bukanesha ibigeragezo vyose duhura navyo mu buzima ata kivuyemwo. Ariko bene Data iyo tugize gushaka turamubona kandi aratwiyereka mu buryo bukomeye cane, Ivyak n’Intumwa 8: 26-40 Iyo nkone yarumutunzi ariko yarondera koko kumenya Imana, ngo abisobanukigwe neza, nico Gituma Mpwemu w’Imana yaciye atuma Filipo umukozi wayo ngo agende kumusobanurira, ivyo atumva kandi atatahura. Nico gituma Imana ishaka ngi twige kandi turondere n’abadusobanurira. Kuko uko twiga duhishurigwa Yesu Kristo gushasha kandi nawe akatwihishurira. Ivyak. N’Intum. 10: 34-38 Imana itubwira kuri Koloneriyo yar’umuntu akomeye, kandi yakunda gusenga agakora n’ibikogwa vyiza kubwo kwubaha Imana. Ariko ntiyari bwahishurigwe ivya Yesu Kristo, Imana ituma Petero kuriwe ndetse bamwumvana n’abiwe bose n’incuti nabagenzi. Bigishwa ivya Yesu Kristo ingene Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza kuko Imana yarikumwe nawe, abo bose wa mugwanizi atwaza amanyama mu buryo butandukanye. Nico gituma dukwiye kuvuga Yesu Kristo atari mu buryo bw’ubutunzi cank’ubukene gusa, ariko tuvuge Yesu Kristo kwar’Umwami wamahoro, akiza indwara, agaheza ibibazo vyose, agatanga amahoro, kandi agaharira ivyaha vyose. Kandi agahindura situation za’abantu bamwizeye zose muburyo bwiza. Matayo 11: 27-30 Niwe aruhura imitwaro yose y’abananiwe n’abaremerewe bamuhungiyeko. Rondera rero guhishurigwa ivya Yesu, nayo Mpwemu Yera azoza abane nawe amuguhishurire.               Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s