Mweho munyita nde? Umwita nde?31.05.2014

Message du samedi le 31. 05. 14

Mweho munyita nde? Umwita nde?

Turakwiye kumenya cane Imana irikumwe natwe kugirango tugendere mu bugombe bwayo. Dukoreshwe nayo. Iyo uyizi vyukuri iguha ububasha, kandi ukaba igikoresho cayo. Ndetse no mu buzima bwawe, muri sosiete ndetse no mugihugu no mw’isi.

Matayo 16: 13-20: Petero n’izindi ntumwa bagendana na Yesu Kristo, yarababajije ati: abantu bavuga ngo ndi nde? Ariko nabo nyene naho bagendana nawe yarabahindukiriye nabo arababaza ati none namwe munyita nde? Simoni Petero yashoboye kugirigwa ubuntu n’Imana, Mpwemu Yera akamumavugiramwo, arishura at’ Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima. Kuko yamenye neza adakekeranya uwo barikumwe, bagendana nawe, Yesu Kristo nawe aramwemera, ati nanje ndakubwiye kuri Petero, kandi kurugwo rutare nzogwubakako urushengero rwanje, kandi amarembo y’ikizimu ntazorushobora. Petero yizewe kuko yamenye neza uwo barikumwe, nawe aramuduza adakekeranya kuko yabonye umutima wiwe. Araheza agendana nawe, amukoresha bikomeye yuzuye Mpwemu Yera. Igihe niki cokurondera Imana no kuyegera tukayimenya muvyukuri tudakekeranya. Harageze ko tuvangura i mpwemu, tugakora Mission Imana yaturungitse gukora mw’isi. Tukamenya Imana yukuri n’Umwana wayo Yesu Kristo akorera muri twebwe ku bwa Mpwemu Yera yaduhaye, ko atayiza iyiruta kandi kwariy’ukuri kandi igororoka, ikagirira neza abayizera n,abayubaha bakagendana nayo muri vyose. Yohana 21: 1-13. Igihe Petero n’izindi ntumwa bari bagiye kuroba, bagakesha ijoro ryooose baroba ariko bakabura, Umwami wacu Yesu Kristo ahashitse yarababwiye ngo baterere urusenga mukiyaga barobe kuruhande rw’iburyo, barumvira barabikora, baronka ifi nyinshi cane, ndetse insenga zihakwa no gucika. Bamenya neza kwari We abitumye. Menya neza mwene Data kumukeneye kumwanya kumwanya, atari mubihe bimwe bimwe. Mugendane igihe cooose kuko iyo muri kumwe, muri situation yose urafise izina mu mazina yiwe yaduhaye ushobora kumwita, muvyugenda uracamwo nayo ikagutabara. Hari urufunguruzo rwingene ushobora kuroranigwa, niyo wamenya neza Uwariwe, nubushobozi bwiwe, ukamwizera udakekeranya. Kuko wewe urashobora kwiheba mu buzima bwawe ariko Yesu Kristo we afise ico agamba gukora mu buzima bwawe. Ukabona ibintu bigenda bihinduka, kandi vyose bikavamwo vyiza cane kuko wamumenye, udashidikanya na gato. Mwene Data menya rero kwari Yesu Kristo Umwana mw’Imana isumba vyose dukwiriye kugendana nawe muri vyose kandi hose, kuko ariwe yashizwe hejuru yibiri mw’isi nibiri mw’ijuru n’ikuzimu akahanyiganza. Umufise afise intsinzi. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s