Ubutumwa bwo ku wa 10.05.2014
Unesha niwe azokwambikwa impuzu zera.
Ivyah Yohana 3 : 5-6 Umwami wacu Yesu Kristo yaraje aduha agakiza, araducungura, aratugwanirira kandi aduha natwe kunesha. Yongera atwereka inzira ija kwa Data kandi irapfunganye. Abazoyicamwo amazina yabo ntazokwigera azimangana mu gitabo c’ubugingo. Nico gituma dukwiriye cane kuba maso tugateramira agakiza yaduhaye nk’abasirikare bukuri. Kuko uwo tunigana arigisuma, caje kwonona, kwiba no kubabaza, ariko Umwami wacu we yazamye no kuduha ubugingo budashira, aduha amahoro muri we. Yohana 16: 33, Yohana 10: 10.
Umugwanizi afise amayeli menshi yo kutugwanya ndeste agakoresha icaha cane nibigeragezo ndetse n’ibindi. Ariko aratubwira ngo twambare ibigwanishwa vyose vy’umu Kristo. Niwe mugabisha wacu tuzonesha turi muriwe. Abanyef 6: 10-19 Tugumye muri we tugira imitima ihinduwe mishasha, irongogwa na Mpwemu Yera. Niwe azodushoboza kwiyambura ivyo vyose bitugwanya, kandi bitunaniza. Tukavyatura tudatinya kuko dufise ubushobozi bwose duhabwa n’Umwami wacu Yesu Kristo. Mpwemu Yera aduha ubwenge bwo kudaca munzira itariyo yo kuzobona Imana. Akadushoboza kwihanganira ivyo ducamwo vyose, kuko atawe Imana iha ikigeragezo kimuruta kuko muri vyose dushobozwa nawe. Niwe azoduha gushika nitwambara ibirwanishwa vyose vy’umu Kristo. Kuko afise ububasha bwose. Nico gituma ashaka tumuhe imitima yacu yose abe ariwe ayirinda kandi twongere natwe dushiremwo uruhara gwo kwirinda mu mitima yacu, dusohoremwo ibikorwa vyose vyawa muntu wakera. Galatiya 5: 16-25. Yohana 14: 25-31 Ukwo kwiyambura, nikwo gutuma tudatinya ivyo duhura navyo, tugashobora kunesha, tukazokwambikwa ibitsibo nayamyambaro yera. Amen.