Urukundo rw’Imana.03.05.2014

Ubutumwa bwo ku wa 03-05.2014

 

Urukundo rw’Imana.

Urukundo rw’Imana ni rwo rudukiza rukadutabara. Kubwurwo rukundo Imana yakunze abana bayo rwatumye iduhoza kw’ijisho ryayo kandi ndetse ikumva no gusenga kwabo, igaheza igakomeza gushitsa amasezerano yabasezeraniye. Kuvayo 3 : 9-22. Igihe ab’Isirayeli bari muri Egiputa bakoreshwa ibikogwa bibavuna bikomeye cane ndetse bakicigwa n,abana babo babahungu kugira ntibasubire kugwira. Baratakambiye Imana yabo, iraheza irabumva iramanuka kubatabara. Niyo yatumye Mose aticwa nkuko abandi bahungu bariko baricwa kuko yarimufiseko imigambi ku b’Isirayeli kugirango abe ariwe izokoresha mukubakura mu bikogwa vyo gutwazwa ituntu barimwo. Nico gituma bene Data itubwira ngo ntitugacike intege mu kintu na 1 duhura na co kuko urukundo rwayo rudukikuje ku mpande zooose. Kandi iy’Imana igiye gutabara (gukora) kenshi Satani nawe yongerekanya ibitero kugirango abantu bihebe ndetse banakore n’ivyaha mu buryo yabateze, ariko Ijambo ry’Imana ritubwira gukomera kuko Imana yacu nayo yongereza ububasha bwo kudukiza kugirango intahe zibe intahe ndeste n’amashimwe abe amashimwe mubayizeye booose. Kuvayo 6: 1-8, ndetse nizo dayimoni zikugwanya zikamenya neza ubushobozi bw’Imana yawe zikanahunga. Urukundo rw’Imana ruhindura ubuzima bwacu. Rukadukura mu bibi dukora rukatugira abana b’Imana rudukirishije urupfu rw’umwana wayo Yesu Kristo. Arirwo rudutumira kuva mu vyaha tukagaruka munzira nziza kugirango ntituze tugire iherezo ribi. Ezekiyeli 33 : 1-20. Rutubwira ng’umugororotsi ntakave mu bugororotsi bwiwe ngwahindukirire ibigabitanyo, ivyo yakoze vyiza vyose bikazimangana. Kandi ng’umunyavyaha nawe nave muvyaha vyiwe agaruke ku Mana kuko ikinda guharira, akurikize ukwizera n’ijambo ry’Imana n’ibikogwa vyiza. Ivyo yacumuye vyose ntibizokwibukwa ariko ivyiza azokora nivyo azoharugwako.   1Jean 4: 9-16 Urukundo rw’Imana iyo ruri muri twebwe tugira n’urukundo kubantu bose. Bikerekana k’Umwana w’Imana ariwe Yesu Kristo ari muri twebwe. Kandi iyo urwo rukundo rw’Imana ruturiko ihana gura amarira yose twarize mukwihanganira ibitugerageza. Kuko itaduheba na 1, ndetse tukanayirata ngw’uyu n’Uhoraho twari twararindiriye. Tukagira umunezero udashira. Yesaya 25: 8-9. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s