Ubutumwa bwo ku wa 26:04.2014
Kugira ijambo ry’Imana mu mutima wawe.
Umwami wacu Yesu Kristo yaduhaye ijambo ngo turigenderemwo, turimenye, turibemwo naryo ritubemwo mukuryizera kugirango rigire ikimazi mu bugingo bwacu. 1 Ab’I Korinto 1:18. Kubizera, iryo jambo niryo ridukiza kandi rikadutabara, kuko n’Umwami wacu Yesu Kristo igihe yaramaze imisi 40 n’amajoro 40 asenga kandi yisonzesheje, ariko avuyeyo niho Satani yamujanye kumugerageresha ibisukano bitandukanye, ariko kuko Umwami wacu Yesu Kristo nkuko ariwe jambo kandi yarazi ivyo yahumetse mugitabo ciwe ceranda, yamutsindishije ijambo kandi Satani aramuva inyuma. Matayo 4: 1-10. Nico gituma natwe adutumirira kugira ijambo rigwiriye muri twebwe kandi tukaryizera ngo ridutabare mubihe vyose. Zaburi 62: 5-8, Zab 107: 20, Zab 89: 34-35, Zab 118: 6-9. Uwizeye ijambo ry’Imana ntategwe ubwoba nivyabona canke ngwahindishwe umushitsi nibimushikiye mu buzima, ariko agahagarara kw’ijambo ry’Imana adakekeranya, akarikoresha mugusenga ndetse nigihe cose aterewe canke bikenewe, agira instinzi muri vyose. Kuko urifise ariko ntaryizere muvyukuri ngo abe ariryo rimukomeza ndetse ariryo rinatubera n’inkinzo n’umutabazi kuko ariryo Imana icamwo mukwishingira intahe, asa n’umuntu afise inkoho itagira amasasu. Ariko urifise mu mutima wiwe, niryo rimutabara, rikamubera securite na protection muri vyose. Kuko naho wokora ibikogwa vy’Imana bitandukanye, akarorero ukaba nk’umunyamasengesho, umuririmvyi, canke n’ibindi bikogwa bitandukanye ariko utagira ukwizera ijambo ry’Imana ngo rikubemwo, menyako ivyo bidashobora kugukiza. Gira ijambo rigwiriye muri wewe, kandi uryizere muvyukuri, kuko ahugeza kumenya ndetse ukanarikurikiza niho ugeza gutabagwa, kuko urifise umenya ingene witwara n’ic’Imana igushakako ndetse nawe ukamenya nama droit yawe mu Mana. Satani aguteye ugasenga rikazinya ya myampi yawa mubi, Umwami Yesu akaba muri wewe, akakurokora muri vyose. Kandi iyufise iryo jambo ntutegwa n’ubwoba nakariko kose kuko uba uzi uwo wizeye n’ijambo ryiwe. Yohani 15: 1-8. Amen