Message du 12.04.2014
Kugira intsinzi mu majambo no mubikogwa
Umwami wacu Yesu Kristo yaduhaye intsinzi muri vyose nkuko yanesheje ku musalaba ngo natwe tube abanesha muri vyose. Haba mu vyaha tubineshe haba mungorane canke mu bibazo vyose yarabinesheje abibamba ku musalaba. Ndetse aratubwira ati umwizeye wese naho yoba yarapfuye, azobaho. Kandi umwizeye wese ntaho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Yohani 11:3-44
Yesu Kristo yatuye neza avugako Lazaro asinziriye ariko aravuga urupfu rwa Lazaro, kandi na Marita yatura abwira Yesu Kristo atiyuba wari hano musanzanje ntaba yapfuye ati kandi ndazi n’ubu ndaziko ico wosaba Imana cose yokiguha. Nukuvuga yaratuye adakekeranya ko Yesu yobikora kandi vyamubereye uko yavuze. Yesu aseng’Imana avuga ati ndagushimako wanyumvirije nkuko unyumviriza ubudasiba ati kandi narinsanzwe nzi kunyumviriza ariko ndabivuze kubwiri Shengero rihagaze ngaha kugirango bizere kwari wewe wantumye. Mwene Data menyako iyuvuze wizeye kandi wiyejeje Imama ikwumva, wature neza kandi uhagarare neza mu Mwami Yesu Kristo. Niho nawe abona koko kuri intama yiwe kandi uzi imvugo yiwe. Yohani 10: 23-30. Nkuko kumusalaba bitari vyoroshe, ariko Yesu wacu ntiyacitse intege canke ngo adendebukigwe abivemwo, ariko yabaye yihanganye bikomeye aducungurisha ubuhizi bukomeye. Reka duse nu’waducunguye tugwane urugamba tudacika intege canke ngo tubivemwo, kuko ivyo nivyo binezera satani kuko aba anesheje, abantu bagaca badashika ku masezerano yabo kuko .
Menya neza muntu w’Imana kw’ivy’Imana yasezeranye rimwe na rimwe turabigwanira , ariko intambara nziza mu kwizera kugirango tubishikeko. Yosuwa 14: 5-15. Yakomoza amasezerano yiwe ivyo umusavyi w’uhoraho Mose yababariye na Yosuwa igihe bari bavuye gutata i Kanani. Yosuwa yaramaze ivyaka 40, ariko agwana intambara nyinshi gushika i Kanani akurikira Uhoraho muri vyose. Afise imyaka 85 niho yabarira Umusavyi w’Imana Yosuwa ngwamuhe igisagara c’abanaki Mose yamubariye kandi aramubwira ati inkomezi nari mfise aho Mose yamutuma n’ubu nizo agifise, ati hampe gusa ndazi k’Uhoraho azobana nanje akampa kubanesha nkabirukana murico gihugu. Umusavyi w’Uhoraho aramuhezagira arahamuha. Menya kugwana urugamba, ubwire Satani uti nta burenganzira ufise mu bintu vyanje . Gira impwemu yo kugwana nk’Umwami wacu Yesu Kristo. Nta muntu 1 akwiye kukubera intambamyi mu buzima bwawe kuko ic’Imana yaguteguriye ntawugifiseko uburenganzira ahubwo ubinyakurisha ubuhizi. Matayo 11: 12. Amen.